SBS Kirundi - SBS mu Kirundi
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians. - Amakuru yo kwizera hamwe n’inkuru ziguha akaryo ko kumenya ivy’ubuzima muri Australie co kimwe n’umuryango ndundi uba muri Australie.
Abarundi barashikiriza agahinda bafise k'urupfu rw'uwuwahoze arongoye Tanzania, ariko abandi nabo ngo impuzi zizoroherwa. Umviriza uko umuhinga mu vya politique David NIYONSABA asigua

Imyidogo ni yose ku basanzwe baba mu mazu ya reta. Ibibazo bahura navyo murayo mazu ngo ntibishoka bikemurwa ngo rimwe rimwe kubera ivangura rifatiye ku rukoba.

Australia yiyemeje gufasha abantu biciye mu mashirahamwe afasha abagendana uburwayi bwo kwibagira mu ntumbero yo gushigikira abageze muzabukuru muri bino bihe vya COVID-19.

Urupfu rw'uwahoze arongoye Tanzania Dr. John Pombe magufuli rwatunguye benshi, rusiga amarira mubakunzi. Magufuli yumvikanye kenshi adaha agaciro ikiza COVID-19, yishwe n'indwara yari amaranye ikiringo c'imyaka ishika 10.

Reta ya Australia yashize ahabona urutonde rw'ingene abanyagihugu bazokwicandagisha, kandi ku ubuntu. Ariko bamwe mu barundi baba mur'ico gihugu bafise ukundi babibona.

Impamvu zitera abantu kwimuka bava mu ntara baja mu yindi ziratandukanye. Ariko woba uzi ivyo ukwiye kwitwrarika kurusha ibindi?

Amagara meza ntabuza kugwara kanseri ifatira mu bihimba vy'irondoka. Kera yahora isuzumwa uko imyaka ibiri irangiye ariko ubu hari impinduka zijanye no kwisuzumisha iyo ndwara.

Umusi wahariwe umukenyezi kw'isi uhimbazwa uk'umwaka utashe. None abakenyezi bahimbaje gute uwo musi kandi isi yugarijwe na COVID-19? Tega amatwi Liliane Akimana yaganiriye na SBS Kirundi.

Usanzwe uba mu gihugu gikoresha icongereza mu buzima bwa misi yose, akenshi usanga ubwawe utegerezwa kuciga. None wobigenza gute mu gihe usanga bisekana n'ivyo usanzwe ukra.

Hirya y'abantu benshi cane gutakaza akazi kubera COVID-19, uwuserukira abarundi baba muri South-Australia, asaba abarundi kutizera inze zivuye muri reta ahubwo ngo bakure amaboko mu mpunzu bakore.

Abavyeyi benshi basigaye baha abana babo terefone ngo ibashe kubasamaza, ariko ubushakashatsi buherutse gukorwa buragabisha yuko ingaruka zo gukoresha terefone ari nyishi cane.

"Umubanyi niwe muryango", none koko no kubari hanze y' Uburundi umubanyi yoba ariwe muryango? Umwanditsi Marie Louise Sibazuri yandika utwo dukino yavuganye na SBS Kirundi.

Imyaka 30 iraheze amasezerano ashiraho ubumwe bw'abarundi agiye mu ngiro. None ayo masezerano yoba yarashitse kuco yashiriweho? Umwe mu bari bajejwe kuyasigurira abandi ico gihe n'umukenyezi Marie Louise SIBAZURI akaba yavuganye na SBS Kirundi.

Bamwe mu bakenyezi bakunda gushirishamo amabere kumvo zitandukanye. Ingaruka zayo mabere zishobora kwigaragaza inyuma y'imyaka cumi canke irenga

Amakuru twakira adusanga ahatandukanye, tukayakira gutandukanye. Mbe wokora iki mu gihe utegetswe ku guma iwawe mu rugo kandi atariyo uri udafise n'ibiribwa bihagije. Umviriza uwo vyabayeko.

Abajejwe kuzimya imiriro bagera kuri 300 bahanganye n'umuriro umaze guturira inzu zirenga 70 mu ntara ya Western Australia mu gisagara ca Perth.

Umuntu n'ibibazo birajana, ariko kumenya aho ukura ubufasha n'ikintu kidasanzwe. Mu mwanya uri mu bihe bidasanzwe, uhamagariwe kwegera abakubanjirije, gutyo ugasobanukirwa kurusha.

Iyo mu muryango havutse umwana, incuti n'abagenzi bitwararika kuja kuraba umwana mu misi ya mbere. Ariko woba uzi uburuhe uburuhe be n'ukuzazanirwa abo bavyeyi baba barimo mu misi ya mbere.

Umusi wahariwe Australia witabirwa n'igice c'abanyagihugu. Benshi muribo bawuhimbaza bafise impamvu zitandukanye. Kurimbura kahise, kwubahiriza abandi co kimwe no guhimbaza ivy'ico gihugu caranguye gushika uno musi.

Abavyeyi baba hanze y'Uburundi bafatirwa na vyinshi kuburyo usanga bahura n'intambamyi zo kwigisha abana babo umuco n'ikirimi kavukire. Umuhishuzi Ntafatiro aragira inama uko wobigenza.

Abarundi basanzwe baba hanze bahura n'intambamyi zidasanzwe mu kwigisha abana ikirundi, ariko kandi abandi nabo babibonamo ubusirimu kutigisha abana ikirundi. Umushakashatsi mu kirundi Ntafatiro Patrice aradusigurira.

Uko imico itandukanye niko n'ukuyiga usanga bitandukanye. Muri Australia hariho amajambo atatu ushoboye kuyiga ukayakoresha neza, ashobora kugufasha canke kuguhesha vyinshi.

Uko imico itandukanye niko n'ukuyiga usanga bitandukanye. Muri Australia hariho amajambo atatu ushoboye kuyiga ukayakoresha neza, ashobora kugufasha canke kuguhesha vyinshi.

Imyitwarariko y'ubuzima irashobora kuba intambamyi zo kurangura bimwe mu mpano kama zawe ufise. Ariko umukenyezi w'abana bane, umwigisha akaba agira 'comedie' arahimiriza abandi bakenyezi gukora.

Ivyo wavuze ukigera muri Australia birashobora kugira ingaruka nyinshi cane mu myaka uzobaho. Ariko abahinga baravuga yuko hakiriho amahirwe yo kwigarura.

Mu gihe abikorera utwabo bafashe iyambere mu kwubahiriza ingingo zatanzwe na reta mu kurwanya COVID-19, ico kiza kibaraje ishinga, mbere kibateye impungenge bakaba batanguye gusaba reta ibagarukire.

Imisi itatu mu kato, ariko n'inyuma y'ico kiringo ngo reta izomenyesha igikurikira kuruwo wese aba mu turere nka Greater Brisbane, Ipswitch, Redlands council na Logan kuko

Itegeko ryo kwambara agafukamunwa ryashizwe mu ngiro mu bibanza bitari bike muri Greater Sydney mu gihe NSW yahagurukiye kurwanya ico kiza ca COVID-19.

Mu gihe Australia yari yugarijwe n'ikiza, umuryango GLAPD, wafashije imiryango itari mike haba mu bijanye no kuronka ubuzi, kwimukira ruguru, ibifungurwa eka mbere ngo no gufasha abandi kuronka impusha zo kugendesha imiduga.

Australia yagize ubushuhe burenze muri Munyonyo. Mu gihe La niña yiteze kuzana ibihe vy'akavura muri rino ci, ibiro bijejwe kugenzura ikirere bitegekanya yuko ubushuhe bushobora kugumaho ikiringo kirekire. Abahinga bagabisha abantu kutabusya bwose haba mu gihe bari imbere mu nzu canke hanze mu ntumbero yo kwirinda izuba hamwe n'ubushe buterwa n'ubushuhe.

Dr. Ndayisaba Gilbert, umwigisha muri kaminuza yo muri Melbourne akaba n'umuhinga muvy'ubutunzi arerekana amahirwe abantu bafise mu kwironkera amafaranga menshi muruno mwaka w'ubutunzi. Izo nsiguro zishingiye ku mafaranga reta izokoresha uyu mwaka wa 2020/2021.

Iyo abantu batanguye ubuzima bushasha muri Australia usanga bahura n'intambamyi nyinshi, ariko hariho kandi nyinshi mu ngorane bahura nazo usanga bafisemo uruhara. Menya zimwe mur'izo.

Muri Rusama, umwaka w’2017 umurwi w’abaserukira abandi mu basangwabutaka bazwi nk’aba Aboriginal And Torres Strait Islanders niho washoboye guhura ubwa mbere mu nama yahuje ibihugu ku masezerano y’ibwirizwanshingoro hafi y’umusozi Uluru hamwe n’ukwemeza ijambo ryavugiwe ahazwi nko k’umutima wuwo musozi. Iryo jambo rikaba risaba impinduka mw’ibwirizwashingiro rya Australia, ko iryo bwirizwashingiro rikwiye kwemeza ibihugu vy’aho hambere, gutyo bigashingira k’ukuri, ubutungane hamwe n’ukwiyemeza.

Mu nkino zaraye zihuje Australia na Nouvelle Zélande ku kibuga ANZAC, umuririmvyi David Nduwimana niwe yaririmvye indirimbo ihayagiza igihugu ca Australia. Benshi mu banyagihugu baka bahimbawe cane n'uko yayiririmvye.

Benshi kw'isi baratekewe n'ubwoba, igihe hamenyekanye ingaruka za COVID-19, ariko uko imisi igenda niko benshi bagenda barema, bizera yuko ubuzima bugiye kubandanya nkuko bwamye imbere y'ico kiza.

Iyo abantu bagiye gutangura ubuzima mu gihugu gishasha, har'igihe bagenda bisunga canke bagendera kuvyo babwiwe. Umwe mubafasha abantu gutangura ubuzima bushasha yavuze yuko iyo ngendo ivuna kandi ar'imbi cane kuko benshi usanga bazinutswe igihugu cabakiriye.

COVID-19 yoba yaragize ingara nki ku kungene Australia yitwararika impunzi?

Australia yahomvye miriyari $21.7 mu gisata c'ingenzi ufatiye k'umwaka uheze, 2020 nawo n'umwaka udasanzwe kw'isi. Ariko hamwe integuro zawe zo gufata ingendo zoba zahungabanye, ubuhinga bugezweho bushobora kugusanza isi aho wibereye.

Bamwe mu Barundi batanguye kwijukira ibijanye n'amagara y'abantu. Bashinze amashirahamwe yo gufasha abantu ngo mbere babona bazoshika kure mu myaka iri mbere.

Ukuvavanura nuwo mwubakanye n'ibihe bikomeye kandi bigoye muri kino gihe c'ikiza aho usanga binagoye gushira mu ngiro, aho hatavuzew umwumvikano wo kuraba abana

Umuryango w'icamamare mwi reresi 'Hotel Rwanda' Rusesabagina Paul werekanye amakenga ufise k'ubucamanza bwo mu gihugu co mu Rwanda. Bakaba bafise ivyo basaba umuryango mpuzamakungu, mbere banahaye ubutumwa papa wabo.

Kosto Zahinda, umwe mu baririmvyi b'umurwi SOWERS aratuyagira ico uyo murwi ugamije gukora co kimwe n'intambamyi abaririmvyi bahura nazo kugira indirimbo zabo zivuzwe ku ma radiyo.

Mu gihe ibihugu vyinshi bigihanwe na COVID-19, ikiza cabaye imbarutso y'abenshi kubura akazi, bamwe bahisemo kurondera akazi hirya y'ibisagara babayemo.

Mu gihe ingingo zafashwe mu kurwanya Coronavirus zitera zigabanuka, woba uzi ingaruka ico kiza cateye abikorera utwabo? Bamwe mur'abo ngo barabuze abo bari basanzwe bakorana.

Amwe muma soko menshi y'ubumenyi n'ibitabo, mbere n'ubwiza bw'ubumenyi n'ukubasangiza abandi. Abana canke abakuze bose barashobora gusoma kandi ngo bahawe ikaze.

Intara ya Victoria n'imwe muzasinzikajwe cane na COVID-19. None ubu vyifashe gute mu bice bimwe bimwe nka Hamilton, Melbourne na Geelong? Ubwo hegereje ici, mbega ingingo zizoroshwa canke zizorushirizaho gukomezwa?

Kubura uwawe mur'ibi bihe vy'ikiza kw'isi vyunyuye insiguro binatakaza uburyo tugandarira abacu. Ng'uku uko abantu bariko baragandarira ababo muri bino bihe vya COVID-19.

Reta ya Australia yatanguje isekeza ryo gutanga amakuru ku bafise uburwayi bwo kwibagira. Iryo sekeza rikaba rizokorwa n'amashirahamwe atari make. Ukaba uzi uwugendana ubwo burwayi canke akeneye insiguro, menya ikigo wotumber.

Reserve Bank Australia irafora yuko ihungabana ry'ubutunzi rizogira ingaruka kuburyo ibice 10 kw'ijana vy'abantu bazoba badafise akazi mu mpera z'uyu mwaka. Ivyo navyo bikaba bitazogira ingaruka kubene-gihugu gusa, ahubwo n'abasanzwe bari kuri viza z'agateganyo , bariko barahura n'intambamyi zidasanzwe mu kurondera akazi.

Hari impamvu zitandukanye zitera abantu kwimukira ruguru bavuye mu gisagara. Zimwe murizo mpamvu ni hamwe n'imibereho ya buri musi co kimwe n'amahirwe yo kugura ico wipfuza cose.

Inyuma y'ireresi yakinywe na Jean Marie Ndayishimiye batazira John kay, noneho yakinye iyindi reresi y'urukundo kandi ku nkuru yabayeho. None ivuga ibiki?

Umuryango wanduye COVID-19 izananye mu muntu umwe, mu nyuma umuryango wose usanga waranduye. None ubuzima bwabo ubu bumeze gute? Barakize canke vyaranse?

Umuryango wanduye COVID-19 izananye mu muntu umwe, mu nyuma umuryango wose usanga waranduye. None ubuzima bwabo ubu bumeze gute? Barakize canke vyaranse?

Kurondera akazi navyo ubwavyo n'akazi. Benshi bararondera akazi bakakabura kubera usanga imyirondoro yabo idateguye neza. Ariko iyo wize ugahabwa ubumenyi, usanga vyoroshe.

Abimukira benshi bari kuri viza z’agateganyo baciye mu bibazo bidasanzwe muri kino gihe ca COVID-19, nkuko vyagaragaye mu bushakashatsi bwakozwe.

kwigisha imico n'akaranga ni kimwe muvy'imiryango myinshi iba hanze y'igihugu yazananyemo yipfuza. Menya uko umuryango nyarwanda muri Sydney-Australia ubigenza

Umusi mukuru wahariwe abasangwabutaka kw'isi waranzwe n'iki uno mwaka? Abatwa b'Abarundi bahimbaje gute uyo musi muri Australia muri bino bihe vy'ikiza COVID-19.

Ubuzima bugizwe n'imirwi y'ibihe ku buryo usanga ivyo bihe bikeneye ubuhinga butandukanye kugira ngo abantu basubizwemo ivyizigiro. Umurwi Afrofest muri Australia wasohoye indirimbo mu ntumbero yo kuremesha abantu.

Ukaba wibaza yuko uzi ico abari muzabukuru bipfuza, tekana wiyummvire kandi. Bashaka gukora ico bonyene biyumviriye atari kubabwira ico bakora.

Abatwa basanzwe baba muri Australia boba bariko barategura gute guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka kw'isi?

Mu gihe abageze mu zabukuru basa n'abageramiwe na COVID-19, biravugwa kandi yuko bari mu bantu basa n'abibagiranywe n'ikibano basanzwe babamo.

Abantu benshi bareka kubaza canke kurondera akenshi bibavuyeko, kutamenya canke kwisunga abo wasanze aho usanzwe uba.

Umugera wa Coronavirus uriko uragabanuka muri Australia ariko ingingo zo ku rwanya ico kiza zikaba zikiri mu ngiro. Mu gihe atabwigenge bwo kuryohererwa ibikorwa wakora, ni kuber’iki utokoresha kano karyo ngo wige ikintu gishasha canke usubiremo kuraba neza ingabire wari warahevye?

Muri kino gihe hari ikiza, ibiro vy'ubuserukizi bw'Uburundi muri Australia ntivyigeze vyugara mbere ubu abipfuza gushinga urugo rwabo biciye mur'ubwo buserukizi barashora kubikora.

Intara ya Victoria iri mubihe bidasanzwe aho ata muntu yemerewe kurenza amasaha ya sambiri z'ijoro na sakumi nimwe y'agatondo akiri hanze.

Ubuzima bwo mu bisagara binini binini buratandukanye cane n'ubwo hagati mu gihugu. Menya ubutandukane buri hagati yabwo.

Umukenyezi w'abana bane, akaba ari n'umwigisha w'ibiharuro, yize IT (Information Technology) none ubu naho asigaye asetsa abantu mu bizwi nka "comedy"

Benshi bibaza yuko batahura uburimyi, ariko siko biri. Kugira ushobore kurima neza ugwize umwimbu ukwiye gutahura isi ndimwa

Abatwa b'Abarundi basanzwe baba muri Australia barashima reta nshasha kuba yarabibutse ariko barafise ico basaba umushikiranganji Nsabushimike Imelde yagenwe nk'umushikiranganji wo gufatana mu nda.

Ibintu ntibikiri uko vyahora kuvaho umuzo ugira kabiri wa coronavirus utanguye mu ntara ya Victoria. Abarundi baba i Mildura bo bamerewe gute?

Bamwe mu bahora barondera akazi ntibari bazi impamvu iki bakababura. Ariko uno musi baronse inyigisho zizobafasha

Benshi baraza kwiga muri Australia bavuye mu mahanga. None ba bayeho gute?

Uburundi buca buhimbaza imyaka 58 bwikukiye. None iyo ntahe yo kwikukira isigur'iki koko ku barundi. Umusesanguzi Yahusef B Ineza arasigura.

Kuba mu bihugu biteye imbere bisaba k'uronka ubumenyi bukwiye kubijanye n'ikoreshwa ry'ubuhinga ngurukanabumenyi.

Mu gihe bari biteguriye gutangura ubuzima mu buryo busanzwe, ubu noneho vyunutse inyuma yaho abajejwe amagara y'abantu muri Victoria basubijeho ingingo zose zo kurwaya COVID-19

Ibihugu bitandukanye vyakira impuzi gutandukanye. None Australia ifata gute abarundi itaraha ubuhungiro.

Abavyeyi bigisha abana babo gutandukanye mu kubatahuza ivyo bafungura iyo bizanana, gutyo bigatuma bagira amagara meza, bigafasha n'umuryango kuziganya dukeya.

Ishirahamwe AAAC rigiye gufasha abantu kwandika inkuru zabo mu ntumbero yo kubwira abanye Australia inkuru zikiny'Afrika

Ugufatana mu nda nico caranze benshi mu gihe covid-19 yateye.

Ntanakimwe bisaba mu gihe woba ushaka kuja kuba hagati mu gihugu. Hariho ishirahamwe wokwegera rikagufasha mbere no mugihe ushaka kurima, kworora, n'ibindi.

Inyuma yo kuja mw'ihiganwa i Hollywood muri Amerika ubu ireresi Cop's Enemy yatowe muri Dallas-TX kandi. Kandi iyo reresi ntaho ihuriye n'ibiriko biraba muri Amerika ubu.

Inyuma y'imisi ibiri ahejeje gusohora indirimbo umuririmvyi azwi nka ATM Jeff yaguye mw'isanganya avunika izosi. Ariko ngo ibikorwa birabandanya.

Umurundi akaba umuririmvyi hamwe n'umurimyi yimukiye hagati mu gihugu avuye mu gisagara kugira ngo ahe abana biwe akaranga, imico hamwe n'indero ya kirundi.

Ukaba wararishwe umushahara hagati y’itariki 1 Mkakaro na 30 Ruheshi, urasabwa gutungunganya ibijanye n’amatagisi yawe gushika itariki 31 Gitugutu. Nguku uko ushobora kubigenza kugira ngo usubizwe amahera yawe hama ukanagabanya ibiciro vy’amafagitire yawe muruno mwaka.

Mu gihe isi icugarijwe n'ikiza COVID-19, aba n'abariya ntibemeranije ku nteguro y'amatora azoba mu Burundi ku musi w'ejo. Ariko hamwe nivyo ejo Abarundi bazindukira mu tuzu twogutora inzego zitandukanye. Ng'uku uko abarundi baba muri Australia bashikirije ico biyumvira ku matora y'ejo.

Abarundi buca bihitiramo uwugiye kurongora Uburundi mu myaka indwi iri mbere. Muba kandida bose uko ari indwi, umwe wese afise imbonakazoza yashize imbere. Nahimana Dieudonné arasigura bimwe mu migambi yashize imbere kurusha iyindi. Uyo mu kandida yigenga asanzwe ari n'umwungere w'ishengero.

Kuvaho leta ifatiye ingingo ibwira abantu kuguma mu rugo imiryango itari mike yaboneyeho akaryo ko gukora bimwe mu bikorwa yari yaraburiye akanya mu rugo. Haba ivyigwa vy'icongereza canke umwimbu n'ibimwe muvyo Joselyne Ntahomvukiye yashoboye gukora kubera ingingo ya leta yo kuguma mu rugo mu ntumbero yo kurwanya COVID-19

Mu myaka iheze abakenyezi bisuzumisha kanseri ifatira mu bihimba vy'irondoka rimwe mu myaka ibiri. Ubu ico kiringo carahindutse. Mbe hoho wimutse ukaja kure ya muganga yahora akuvura bigenda gute? Muganga Nadine Shema aramenyesha bishasha mu vyahindutse nuko wobigenza kugira ngo ubashe gusuzumwa.

Hisunzwe ubushakashatsi bwa vuba, burerekana yuko impunzi n’abimukira bafise impungenge zidasanzwe kurusha umwenegihugu wa Australia ku ngaruka COVID-19 ifise kuvyerekeye ubutunzi. Hafi ica kabiri c’abakozweko ubwo bushakashatsi bavuze yuko ikirimi ariyo ntambamyi nyamukuru kugira ngo baronke amakuru yerekeye Coronavirus.

Mu gihe isi icugarijwe n'ikiza COVID-19, abaganga batari bake barabuze ubuzima bivanye n'ukwandura abo bariko baravura. None n'inde yitwararika abaganga basanzwe bari murico gikorwa co kwitwararika amagara y'abarwaye COVID-19?

Mu matora Uburundi bwimirije umukandida yigenga Francis Rohero arasigura imigabo n'imigambi afise k'Uburundi ngo ari nkakumwe yoramuka atowe mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu Burundi. Menya bimwe mu migambi uwo mu kandida yigenga afise nuko ayisigura.

Intara ya Queensland yoroheje zimwe mu ngingo yari yafashe mu ntumbero yo kwirinda COVID-19. Harivyo umuntu yemerewe gukora co kimwe no guhura n'abandi. Ariko ubwo b'urongozi nyene bumenyesha yuko atagusya bwose ngo kuko Coronavirus iracahari. Dr Butoyi Delacroix aratubwira zimwe zimwe mu ngingo abarongozi boroheje.

Yifashishije terefone ngendanwa Kizito Mihigo yarashoboye kwandika igitabo ari mu mugasho mu gihug c'Urwanda. Inyuma y'amezi abiri gusa niho ico gitabo casohotse kuri Amazon. Umviriza uwamufashije kugira ngo kije ahabona uyo nawe akaba ari René Claude Mugenzi aho yavuganye na SBS Kirundi ari kumwe na Marie-Claire Tumukunde yagendanye na Kizito Mihigo mbere anamufasha ibikorwa bitari bike.

Iki kiza COVID-19 kigitangura, Nahimana Rosalie yama imbere y'imboneshakure araba amakuru n'ibigezweho bikamutera amarira no gusarara bivanze n'agahinda kenshi. Mur'ibi bihe nyene vya Coronaivurs yahisemo gusubira gukora umwuga wo kujisha. Nahimana yavuganye na SBS kirundi mu kiganiro kidasanzwe yaduhaye.

Ibihe bidasanzwe vyatanze imforo y'ubuzima idasanzwe. Abakuru b'imiryango rusangi iba mu ntara ya Victoria na Queensland baratuyagira ingene bagerageza kugira inama abo barongoye mu ntara bakoreramo. Innocent Nsengiyumva hamwe na Beltrand Habiyakare basanzwe barongoye intara ya Queensland na Victoria bagize nico bavuga kubiriko biraba mug'iguhugu c'Ubishinwa (Chine).

Igihe c’ici kiregereje. Abahinga muvy’amagara y’abantu barategekanya yuko ari ibihe bigoye cane aho ibitaro bishobora kurengerwa n’abantu banduye koronavirus hamwe na Influenza. Turashobora kw’ikingira Influenza hamwe n’abacu mu kwironkera urucanco.

Muri ibi bihe aho amashirahamwe atandukanye hamwe n'abikorera utwabo bahinduye uburyo basanzwe bakora ibikorwa vyabo vya misi yose, benshi bakaba bavyimuriye mu mago yabo. Ubuserukizi bw'Uburundi muri Australia nabwo bwafashe izindi nzira zidasanzwe zo gukora muri ibi bihe COVID-19 igisibije.

Abanye Australia co kimwe n’abakozi bandi kw’isi yose bagize ibice 88% vy’abategerezwa kwisuganya bagakorera mu ngo zabo. Abahinga bakaba bamenyesha yuko ari kubw’ineza y’abakozi n’abakoresha.

Mu gihe uburemere bwa COVID-19 bumaze kwigaragaza mu bijanye nivy’ubutunzi muri Australia, mu mabanki, muri reta, mu ntara eka n’ibisagara bitandukanye reta iriko irafata ingingo zo kuraba ingene abikorera utwabo bato bato bo bandanya ibikorwa vyabo. Kurikirana hama umenye ico wokora kugira ngo urudandaza rwawe rugume rwemye muri ibi bihe vya Coronavirus

Mu gihe Coronavirus iteye ubwoba abatari bake, umuhinga mu vya Bibiliya Yera Yahsef B. Ineza arahamagarira abantu gutekana akabasaba no kutajuragirika muri ibi bihe aho benshi bariko baravuga yuko Coronavirus ari igihano c'ijuru. None muri iki igihe ukwizera gutandukanye wogukoresha gute kugira uhangane n'ibi bihe?

Abarenga 9 000 nibo bamaze kuzurwana iteka mu kiringo c'amezi atatu gusa nyuma y'imyaka 48 bishwe mu mwaka 1972. Ivyo vyashikirijwe na komisere Aloys Batungwanayo wo mu murwi ujejwe ukuri no kurekuriranira mu Burundi (Commission Vérité et Reconciliation). Yamenyesheje kandi yuko mu Burundi bwose hariho ibinogo rusangi 4163 vyahambwemo abishwe mu 1972, bakaba bamaze gufurura ibinogo 12 gusa. Kurikirana Aloys Batungwanayo hamwe n'abandi twavuganye babuze ababo eka n'abidogera uwo mwaka w'1972.

Ikiza ca Coronavirus cateye catumye ibihugu vyugara imbibe zavyo, ivyo bikaba vyaviriyemo abatari bake kudasubira mu bihugu basanzwe babamo. Benshi murabo bakaba bari baragiye mu karuhuko mu bihugu bitandukanye. Fablice Manirakiza n'umwe mubipfuza gutaha mu gihu asanzwe abamo ariko vyanse bitewe na COVID-19. None ngw'azotaha gute? Ryari? Ni iki kizomukuru i Burundi gushika muri Australia?

"Ninjiye muri Australia hama nemerera ubutegetsi yuko nzoja ukwajenyene mu kiringo c'imisi 14, none maze imisi icenda. Nta mwana wanje anyegera canke umufasha wanje. Nguma mu cumba niyugaranye." Aupulent Nyamucunda aratubwira uko bisa mu gihe wiyugaranye wenyene uri mu muryango.

Mu ntumbero yo kurwanya COVID-19 reta ya Australia yari yasavye abavyeyi kurekura abana ngo ba bandanye baja kw'ishuri, ariko abo bavyeyi ntibakiriye kumwe iyo ngingo y'umushikiranganji wa mbere. Umviririza ingingo zitandukanye abavyeyi bafashe ku bijanye no kurungika abana kwishuri. SBS Kirundi yavuganye n'abavyeyi batandukanye nabo bakaba bafashe ingingo zitandukanye.

"Twaciye mu nzira zitandukanye kugira dushike hano muri Australia, rero akenshi usanga hariho bimwe tutumvikanako, kuko turacafise ibikomere hamwe n'ibindi. Ivyo kandi bikabangamira ubumwe n'ukunywana kwacu. Ariko turagerageza kubirengera", ivyo vyashikirijwe n'uwurongoye abanyarwanda muri Queensland Amiel NUBAHA. Ni mukiganiro SBS Kirundi yakoranye n'abarongoye abandi muri Queensland.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wu Rwanda, Faustin Twagiramungu n'umwe mubarungitse amajwi yo kwifatanya n'abatari bake bari bakoraniye mu nkuka y'imisa yo gusabira Kizito Mihigo yabereye Sydney- Australia. Abantu batari bake bashikirije ubutumwa bwo gutera intege abantu, gukomeza umurage w'urukundo, ubumwe n'ukunywana nyakwigendera yigisha. Hariho n'abandi hirya no hino kw'isi barungitse ubutumwa bwo kwifatanya n'abari bitabiriye iyo nkuka y'imisa yo kwibuka Kizito Mihigo. Murayo majwi habonetsemo abavuga uko bamenyanye na nyakwigendera Kizito, eka nuwo bapfunganywe nawe yashinze intahe murayo majwi yarungitse.

Isihirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ryavuze yuko COVID-19 yagiye mu kiringo ci ikiza ruhonyanganda mbere iryo shirahamwe rigahamagarira ibihugu vyose gutegura ingamba zidasanzwe mu kugwana nico kiza. Muri Australia abarenga 100 baramaze kwandura uyo mugera. Weho witeguye gute? Dr. Butoyi Delacroix aragira inama uko wovyifatamo , ukirinda ukarinda n'abawe.

Woba ukwiye kugurana amahera abana bawe bakuze canke oya? Inyishu iratomoye ku bavyeyi bakunda mbere banitwararika abana babo. Ariko abahinga barahanura yuko ukwiye gufata ingamba zo gukingira kazoza kawe muvy’ubutunzi imbere yuko usanga uriko uriyimbira icobo mu misi yawe y’ubukukuruke.

Umuhinyanyuzi Jean Marie Ndayishimiye benshi bazi nka John Kay yakoze ireresi COP'S ENEMY akaba aba muri Australia. Iyo reresi ikaba yaratowe muzizokwerekanwa muri kuno kwezi hariya muri Hollywood muri reta nzunzubumwe za Amerika. Iyo reresi ivuga k'unkuru nyayo yabayeho, izokwerekanwa kandi mw'ihiganwa ryitwa African Film Festival i Dallas muri Amerika hagati y'itariki 2-6 Ruheshi 2020. Hama muri Hollywood izokwerekanwa kuri 22 Ntwarante 2020.

Abimukira barondera ubuhungiro muri Australia ngo birabagora kurera abana babo bakiri bato hamwe no gukora amasaha akwiye ngo bashobore kubeshaho imiryango yabo. Bamwe mubakirindiriye ngo ubutungane bubatunganyirize ntibemerewe imfashanyo ihabwa abana bakiri bato.Imiryango myinshi ihanzwe no gukora amasaha make canke bakariha amadorare 100 k’umusi ngo abana babo bashobore kwitwararikwa n’abandi bantu.

Ukwiga ikindi kirimi gishasha akenshi ntivyoroha bivanye nuko usanga umutwe wawe utagifise ububasha bwo gufata ibintu cane. Ivyigwa birerekana yuko kuvuga indimi zibiri bitera ubwonko bwawe kudasaza vuba.
Ariko kuri bamwe, no kwiga indimi nshasha ugeze mu zabukuru ni hamwe no kurondera kwiyumva ubwawe co kimwe no gushikirana n'abandi.

Inama nshingamateka ya Australia yatoye itegeko riha amahirwe abakoresha ngo mu kiringo c’amezi atandatu bazobe batunganyirije abakozi barishwe amahera make mu bijanye no kuziganyiriza abakozi babo. Ivyo biruko mu gihe abandi bavuga yuko iryo tegeko ridatomora imvo n’imvano y’ico kibazo.

MAP-Burundi Burhire, umuhari ukorera hanze yu Burundi urahamagarira imigambwe n'imihari itandukanye kudashira inyungu zayo imbere ahubwo ngo bitwararike ineza y'abanyagihugu, ntibitwararike inyungu z'imigambwe canke imihari yabo. Uwo muhari ukaba utazokwitabira amatora kubera yuko atunganijwe ukutariko mu kwirengangiza ibibazo nyamukuru u Burundi bufise.

Abasirikare bahoze ku rugamba ba Australia bahawe imidari mu birori vyo kwibuka imyaka 25 iheze bafashije mu bikorwa bitandukanye harimwo kubumbatira amahoro n'umutekana bahawe i kibeho mu Rwanda. Ivyo birori vyitabiriwe n'abatari bake haba mu nzengo z'uburongozi bwa Australia co kimwe n'abanyawranda. Bamwe mu bari bitabiriye ivyo birori ngaho basavye yuko ubwicanyi bwabereye ikibeho bugakorwa na RPF (Rwandan Patriotic front) nabwo bo kwibukwa nk'abandi banywarwanda benshi bibukwa.

Reta iriko irakoresha umugambi uzofasha abanyeshure bo mu mashuri mato mato ingene bakwiye guhangana n’ivangura ry’ubwoko bwose (amadini, urukoba, imico). Uyo mugambi ukaba ugiye gukwira mu gihugu cose, ikigo catanguje uyo mugambi cavuze yuko uyo mugambi uje hageze.

Kuronka akazi ubwa mbere canke kurondera akazi bishobora kugufata umwanya mu nini muri Australia. Rero mu gihe uhamagawe gukora ikibazo (interview), akenshi usanga uryohewe, ariko kandi birashobora gutuma upapagukirka ukanganza umutima. Uburyo bumwe bwo gutsinda ico kibazo (interview) ni kucitegurira neza co kimwe no kumenya ico bakwitezeko.

Porisi y'u Rwanda yavuze yuko Kizito Mihigo yiyahuye, ariko abatavuga rumwe na reta ya kigali biyamirije ivyashikirijwe niyo reta. Ahubwo bakanagirwako basaba ngo...

Mu gihe abarenga 43 000 bamaze kwandura umugera wa coronavirus wazananye mu gihugu c'Ubushinwa, abantu barenga 1000 baramaze kwicwa nuwo mugera. Gushika ubu akaba atarucanco rwayo ruraboneka. Hagati ngaho, abarundi bake bakaba baba murico gihugu kubw'imvo zitandukanye. None bobo uyo mugera bawikingira gute? Vyoba biboroheye canke bibakomereye gute?

Biragaragara nkaho Papa Francis yanse kwemeza icipfuzo cemerera ababubatse yuko bohezagirirwa amabanga y’ubupatiri mu karere ka Amazoni, ahubwo akaba yasavye abasenyeri gusenga cane ngo haboneke abafise imihamagaro wo gukora ayo mabanga.
Inama y’abasenyeri ba Ekereziya katorika muri Australia yavuze yuko ikete Papa yanditse ryega amashengero yo muri Australia co kimwe n’ibindi yavuze kubijanye n’abasangwabutaka.
Biragaragara nkaho Papa Francis yanse kwemeza icipfuzo cemerera ababubatse yuko bohezagirirwa amabanga y’ubupatiri mu karere ka Amazoni, ahubwo akaba yasavye abasenyeri gusenga cane ngo haboneke abafise imihamagaro wo gukora ayo mabanga.
Inama y’abasenyeri ba Ekereziya katorika muri Australia yavuze yuko ikete Papa yanditse ryega amashengero yo muri Australia co kimwe n’ibindi yavuze kubijanye n’abasangwabutaka.

Abantu bose siko baronka akanya ko kwisuzumisha amaso yabo. Amaso adufitiye akamaro ka nini mu buzima bwa misi yose ariko ibice 93% vy'abarengeje imyaka 55 bakaba bafise ibibazo bijanye n'indwara z'amaso. Abahinga barahanura yuko atari vyiza kurindira hamwe uvuga uti ...'iyo menya'

Jean Pierre Nimbona batazira kidumu yiyamirije bamwe bamwe mu bantu bashaka kwitiranya ibikorwa vyiwe na poritike. Kuri Kidumu arashaka yuko abantu batahura yuko we atari umu pasitori, padiri canke umukinyi w'umupira w'amaguru, ahubwo yuko ari umunyamuziki/umuririmvyi kandi ashaka ko abantu bamutahura mu kazi kiwe.

Australia ntishobora kurwanya imiriro ya nyakanga igisibije muri ibi bihe ititabaje abitanze bakifatanya nabo muri ivyo bikorwa bangana 260 000. Ikigo kijejwe kurwanya iyo miriro ku rwego rwi igihugu ruratera akamo abantu bava mu mihingo, n'imico itandukanye ngo bitangire ico gikorwa mu ntumbero yo gukorera no gucungura ubumwe mu budasa bwacu.

Umurwa mukuru wa Australia, Canberra uri mu ntara ya ACT ibaye intara ya mbere yemeje ikoreshwa ry'urumogi ku muntu. Iryo tegeko ryemejwe umwaka uheze rinatera impari murico gisagara, aho reta ya Australia yaburiye abantu ko ikoreshwa ry'urumogi rishobora guhanwa n'amategeko ku rwego rw'igihugu.

Mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNDD-FDD, Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye niwe yatowe kugira azoserukire umugambwe mu matora y'imirije yo muri Rusama, 2020. Woba uzi abandi bamaze kwemera k'umugaragaro yuko bazitoza murayo matora?

Abarenga 4500 nibo bamaze kwandura uyo mugera witwa coronavirus (2019-nCoV ), nayo abashika 106 bamaze kwitaba Imana mu bihugu birenga 14 aho uyo mugera umaze gushika kw'isi. None nibiki ukwiye kumenya kugira ngo wikingire imbere yuko amazi arenga inkombe.

Mbega Abarundi, Abanyarwanda eka n'abandi banyamahanga boba bahimbaza gute umusi wiswe Australia day? Hoho mbega uwo musi bose bawubona kimwe? Umviriza ico aba na bariya bawiyumvirako. Mugihe bamwe bashima, abandi bavuga yuko abaje ubwambere muri Australia batwaye baranazimanganya uburenganzira bw'abasangwabutaka.

Abantu benshi bahitamwo ubwenegihugu bwa Australia. Abantu barenga imiriyoni zitanu nibo bamaze guhabwa ubwenegihugu kuva 1949.

Habonetse igipfungu c’umwotsi kinini cane mu kirere kitari bwigere kiboneka mu gisaga c'intara ya Victioria muri rino ci. Uwo mwotsi nyene wari mu kirere watumye umukinyi wa Tennis akomoka mu gihugu ca Slovania azwi nka Dalila Jakupovic yiyonjorora mu rukino yariko arakina rumuha uburenganzira bwo kubandanya iryo higanwa.

Uwahoze ari Papa Benedigito XVI yongeye kwemeza yuko atampinduka ashigikiye rijanye no kurekura aba patiri kurongora. Ashikirije aho ahagaze mu gihe Papa Francis we, ashobora guha amahirwe abarongoye akabahezagira nkaba patiri.

Kuba mu gihugu ciza, gifise inzuzi, ibiyaga n’inkombe ntaworeka kwipfuza kumenya ingene wogendesha ubwato ukaniga kuroba. Ivyo navyo bikaba ari bimwe mu bikorwa abanye Australia bakunda kurusha. Ariko hamwe n’uko kuryoherwa, birafise ikiguzi kijanye n’ukwitwararika hamwe n’ivyankenerwa, n’amategeko bijanye mu ntumbero yo gukingira abo muri kumwe n’abandi bose.

Jeremie Ngendakumana avugira umugambwe mushasha PDG-Girubuntu yaganiriye na SBS Kirundi aho yavuze yuko uwo mugambwe ngo uje guharanira demokarasi hamwe n'intwaro ibereye. Uyo mugambwe ukaba ugiye gushiraho umuco w'ubuntu kuko ngo woba uriko uratakara mu bantu, ivyo vyose bikazoshira imbere intwaro ibereye eka mbere no gushinga amabanga umuntu abifitiye ubumenyi.

Inyabwonko zahawe ubwenge bw'ubuhimbano ubu zirashobora gupima no gutora kanseri ifatira mu mabere zitibeshe na gato hifashishijwe " mammogram''

Inzu zirenga 1500 nizo zimaze gusha zigatokombera mu ntara ya New South Wales, muri kino kiringo c’imiriro, hamwe n’izindi zigera 653 zononekaye. Ihuriro ry'amashirahamwe ajejwe gukingira impanuka avuga yuko ibimaze kwononekara bigera ku miriyoni 700 z'amadorari y'amanye Australiya

Ni urudandazwa rudasanzwe kandi rwahiriye abatari bake mu bafasha abantu kurondera impapuro z'ubwimukira zo muri Australia. Hamwe n'ivyo hariho n'abandi barya amafaranga y'abantu babizeza nya viza ku buryo bisigaye vyagwiriye. Kubw'amategeko ahari ubu, nta vyinshi ategekanya mu gukingira abashikiwe n'ubwo buriganya.

Imihana yaraturiwe, abantu baricwa abandi barahunga. Bamwe mubarongoye abandi mu Minembwe bavuganye na SBS Kirundi barayibwira ivyo bipfuza bivuye ku mpande zose. Muriki kiganiro muraza kwumva ingene aba n'abariya batungana urutoke ku biriko bibera mu Minembwe ariko kandi bose ngo ico bipfuza ni kimwe kandi bagihurijeko. None ngo habuze iki ngo bije mu ngiro?

Reta ya Australia mu gutera intege aba dogiteri ba baga abantu, abubatsi, abacungera inyamaswa, abahinga muvya siyanse, blacksmiths, abavuza imiti kama yashizeho viza nshasha ku bipfuza kuba no gukora hagati mu gihugu. Itegeko ry'iyo visa rigasaba yuko utegerezwa kuba hagati mu gihugu ikiringo c'imyaka itatu imbere yuko basaba uburenganzira bwo kuba muri Australia kuri viza izwi nka permanent resident.

Ivyatanguye nk'ubusuma bw'intungwa bigeze mu bw'icanyi. Muri komine Minembwe ibihumbi vy'abasanzwe baba murako gace bamaze guteshwa izabo, abarenga ijana bamaze guhitanwa niyo migwano.

Indwara ya kanseri ibangamiye abanya Australia haba mu gihe co mu ci canke igihe bari mu bikorwa akenshi bibera hanze yo mu nzu. Ubwo irindi ci ryegereje, hariko harakoreshwa uburyo bwose bushoboka bwo kwigisha abantu ingaruka ziyo ndwara ifatira ku rukoba n'ingene boyirinda.

Mu gihe amashuri, ibiro vya reta nivy'abikorera utwabo vyugaye, inzu zirenga amajana zimaze gusha mu bice bimwe bimwe mu ntara za New South Wales na Queensland kubera imiriro ya Nyakanga. Bamwe mu bamaze gushikirwa niyo miriro baragira inama abandi. None n'ibiki ukwiye kumenya?

Abimukira hamwe n'abafise viza z'agateganyo ni bamwe mubakubagurwa mu kazi kabo. Nubwo bimeze gutyo bakaba bagiye kugira uburenganzira bwo gufashwa ku buntu mu gihe bituye ubutungane mu ntara ya New South Wales. Ubwo butungane buzofasha abageramiwe cane kurusha abandi bari muri Asutralia nk'abakozi mbere banabamenyeshe uburenganzira bwabo co kimwe no kubafasha barihwe amafaranga batarishwe.

With another scorching summer approaching, authorities are pleading with swimmers to use caution as the number of people drowning has jumped by ten per cent since last year.
-Ubwo turiko turegereza irindi ici, indongozi ziragabisha abakunda kwoga mu biyaga ngo biyubare cane kuko ibitigiri vy'abasoma nturi bimaze kwiyongera ibice cume kw'ijana kuva umwaka uheze.

Retail giant Woolworths has admitted underpaying thousands of its employees by hundreds of millions of dollars over a nine-year period. The Fair Work Ombudsman is looking to prosecute the retailer for breaching workplace law.
-Supermarche woolworths yemeye yuko yarishe amahera adakwiye abakozi bayo aharurwa muri za miliyoni zama dorare mu kiringo c'imyaka icenda. Umuhuza w'abakozi n'abakoresha yiyemeje gushikana mu butungane iyo supermarche kubw'ingene yarenze amategeko agenga abakozi mu kazi.

According to the latest survey from the Australian Human Rights Commission, one in three workers say they've been sexually harassed at work over the last five years. But sexual harassment in the workplace is unlawful and shouldn’t be tolerated.If it happens to you or someone you know, there are ways to get help.
-Hisunzwe ubushakashatsi bwa vuba bwa kozwe na komisiyo ijejwe agateka kazi na muntu, buvuga yuko umwe mu bakozi batatu bamaze gukubagurwa bifatiye ku gitsina mu myaka itanu iheze. Hamwe n'ivyo ugukubagurwa gufatiye ku gitsina guhushanije n'amategeko kandi ntigukwiye kwirengangizwa. Nimba vyakubayeko canke uzi uwo vyashikiye hariho inzira nyinshi zo kuronka ubufasha.

Games that started in 2014 with an aim of unifying and healing people from countries that have known civil war in the last few decades have sought a massive turn up in Liverpool Whitlam leisure centre. On top of countries from the greatlakes region, kenya also was added to the list. The indoor games will again be played in 2020.
-Inkino zatanguye mu 2014 mu ntumbero yo kuvura n'ukunywanisha bamwe mu bava mu biguhu vyaciyemwo intambara mu myaka iheze zitabiriwe n'abatari bake ahitwa Liverpool Whitlam Leisure centre. Hirya y'ibihugu biva mu karere kibiyaga binini, kenya nico gihugu ciyongeyeko mu nkino zuno mwaka. Izo nkino zizosubira mu mwaka wa 2020.

A couple originally from Rwanda but currently living in Tasmania (Australia) buys coffee beans to sell them and help genocide survivors in Rwanda. The couple with their two younger daughters are changing lives in rural areas in Rwanda with a help of other community members.
-Umuryango w'abanyarwanda baba muri Tasmania (Australia) ugura ikawa hama bakayigurisha ngo bashobore gufasha imiryango y'abacitse kw'icumu mu Rwanda. Uwo muryango w'abana ba biri uriko urahindura ubuzima bw'imiryango iba hagati mu gihugu cu Rwanda, ariko ivyo vyose bakabikora babifashijwemwo n'abandi banyamuryango

Burundian youth in Queensland are tackling issues of daily life in a unique and different approach. In a recent forum that saw a a good number of participants, the youth are taken it to the next level. " We are going to teach the younger ones our stories, where we come from and why, connecting and networking for job opportunities,... workshops to polish and have our resume ready".
-Urwaruka rwo mu ntara ya Queensland rwahisemo gufata iyambere mu gushigikirana no kwiga ingene rushobora guhangana n'ibibazo biruhanze mu buryo budasanzwe. Mu nama yarukoranije, urwo rwaruka rwavuze ruti:" tugiye kwigisha abavukiye ngaha iyo twaje tuva n'impamvu iki, kunywana n'abandi hamwe no gufashanya mu bijanye n'ubuzi hamwe n'amahugurwa azodufasha mu kurondera akazi."

A refugee employment program that has helped almost a quarter of its clients get jobs says it's actually a cause for celebration. The Refugee Employment Support Program in New South Wales says it offers refugees access to a range of activities not always offered by mainstream providers.
-Ishirahamwe ryafashije impunzi kuronka akazi, ryavuze yuko rifise impamvu yo kuryoherererwa ico gikorwa bamaze gushikako.The Refugee program support muri New South Wales rifasha impunzi kubona ivyo zikora bitandukanye bidatangwa na leta ibihe vyose.

Six countries are getting together in one day for different games organised by Great Lakes Agency for Peace and Development. The six different indoor games bring together countries from the Great lakes and East African Region. On top of the three countries from Great Lakes and two from East Africa, this year's edition will see Kenya on the list of the games after Tanzania joined the GLAPD Sport gala last year. The aim is to bring cohesion and contribute to the Australian culture and community at large. This is the 5th edition of GLAPD sport gala.
-Ibihungu bitandatu bizotana mu mitwe mu nkino zitandukanye zatunganijwe n’ishirahamwe GLAPD (Great Lakes Agency for Peace and Development) zikazoba mu musi umwe gusa. Izo nkino zibera ahantu hamwe (mu nzu) zihuza ibihugu vyo mu biyaga binini hamwe n’ivya afurika yo mu buseruko. Iruhande yivyo bihugu bitatu vyo mu karere kibiyaga binini na bibiri vyo muri afurika yo mu buseruko, uno mwaka igihugu ca Kenya kiziyongera ku rutonde rw’ibindi bihugu, inyuma ya Tanzaniya kwifatanya na Glapd sport Gala murizo nkino mu mwaka uheze. Intumbero yizo nkino ikaba ari kunywana na Australia muri rusangi. Izi nkino zikaba zigira gatanu.

A Rwandan couple who left the horrors of the genocide behind them when they moved to Tasmania have been giving back to the place they once called home. They started a coffee business to help fund struggling communities in Rwanda... now they’re aiming to help the next generation get an education.
-Abarokotse ihonyabwoko ryabere mu Rwanda bahisemwo gusiga kahise kabo inyuma bahitamwo gufasha abandi basigaye mu Rwanda inyuma yaho baronse ubuhungiro muri Tasmania (Asutalia). Ivyo bikorwa vyatanguye bagurisha ikawa kugira ngo bafashe abatishoboye mu Rwanda. Ubu bakaba bipfuza gufasha mu kurungika bamwe mu runganwe rwejo kw'ishuri.

Every year thousands of newcomers to Australia are exploited by their employers. Experts say it is a problem that is all too common and one of the major contributors to the billions of dollars of unclaimed wages each year.
-Uko umwaka utashe abantu bashasha baje muri Australia barakoreshwa cane kandi ntibaronke agahembo bikwiranye. Abahinga bavuga yuko ari ikibazo gisanzwe gihari kandi ari naco mvo itera amafaranga menshi kudashika mu minwe ya beneyo.

The Queensland government has announced a ministerial forum on multicultural affairs. The plan was unveiled at the Federation of Ethnic Communities Councils of Australia's conference in Tasmania this week. Fablice Manirakiza, a Burundian who attended the FECCA conference shares the experience.
-Reta ya Queensland iherutse gutanganza inama y'abashikiranganji izokwiga ibibazo bijanye n'imicokama itandukanye. Uwo mugambi watangarijwe mu nama ikoranya abantu bava mu mico itandukanye izwi nka FECCA yabereye muri Tasmania muriy'indwi. Fablice Manirakiza n'umurundi yashoboye kwitabira iyo nama,akaza kutuyagira ingene vyagenze muriyo nama.

October 2019 , the Burundian Diaspora of Queensland will be commemorating the 26th and 58th of their democracy and independence fighters. More than two decades ago Burundi has gone through turmoil of civil war and these skirmishes have sought a numbers of Burundians in Australia. But how much do the younger Burundians know about the two heroes?
-
Gitugutu 2019 , Burundian Diaspora of Queensland izoba iramutse ifise ibirori vyo kwibuka imyaka 26 hamwe 58 incungu zaharaniye demokarasi n'intahe yo kwikukira zigandaguwe. U Burundi bwahuye n'intambara zitandukanye, izo ntambara zikaba zarateye abarundi benshi kuba hanze y'igihugu cabo harimwo na Australia. Ariko rero, abana ba barundi bakiri bato boba bitwararika kumenya izo ncungu zu Burundi?

A plan has been unveiled to help 50 migrant families find jobs, homes and networks in regional Victoria over the next couple of years, while boosting small rural population numbers. The refugee settlement agency AMES Australia wants unemployed refugees to find work in regional locations but other agencies are warning strong support is needed to make the scheme work.
-Hashizwe ku umugaragaro umugambi wo gufasha imiryango 50 y'abimukira kurondera akazi, inzu n'ugushikirana n'abandi baba hagati mu ntara muri Victoria mu myaka iri imbere. Ivyo bikazonafasha kugwiza abantu ahasanzwe hari bake. Ishirahamwe AMES Australia rifasha abimukira ryifuza yuko abimukira boronka akazi hagati mu gihugu nyene. Ivyo biruko mu gihe ayandi mashirahamwe ariko aragabisha anasaba yuko hakenewe imigambi y'akazi irashe.

Eight types of breast implants are set to be banned in Australia while possible links to a rare blood cancer are being investigated. The Therapeutic Goods Administration ((TGA)) has announced it's suspending the sale of the implants for six months.
-Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu.

Do you know how healthy your heart is? It’s worth knowing the answer since coronary heart disease is the leading underlying cause of death in Australia. Interestingly, a 2017 survey conducted by Heart Foundation found that one in three Australians are not aware of the typical signs of a heart attack. Here’s how you can tell.
-
Woba uzi ingene umutima wawe umeze? Ni vyiza kubimenya kuko indwara y'umutima iriko irisasira inganda muri Australia. Mu bushakashatsi bwakozwe na Heart Foundation muri 2017, bwasanze yuko umwe mubanye Australia batatu batazi ibimenyetso vy'indwara y'umutima. Ng'uku uko wobimenya.

New data shows Australians are reporting cyber security incidents every 10 minutes and it's costing Australian businesses $29 billion each year. But what kind of cyber crimes are people falling foul of, and how can someone protect themselves against them? An expert explains how.
-Ibitigiri bishasha vyerekana yuko abanye Australia bahura n'ibitero biciye ku buhinga ngurukana bumenyi buri iminota 10. Ng'ivyo birazimba urudanzwa rwa Australia muri rusangi aho miriyaridi 29 z'amadorari zikoreshwa buri mwaka. None umuntu yovyirinda gute? Umuhinga aratwiganira ingene twokwirinda murivyo bitero bica ku buhinga ngurukanabumenyi.

The love of organic food are pushing some migrants to grow their own range of vegetables among many other. Vegetables that have stayed longer in the freezer are tasteless, said one migrant. During this interview they also showed their concerns over climate issues and are also taking steps to participate in the climate change global move.
-Twahisemwo gufata isuka ngo turime kugira dushobore kurondera akanovera twamenyereye, kuko ibifungurwa vyo muri za supermarchés usanga zitaturyohera nkuko tubimenyereye. Muri kino kiganiro abatumire bacu baranatubwira ingamba bariko barafata kugira barwanye ivyo vyose vyoza bi bangamira ibidukikije.

Disability advocates are calling for urgent reforms to the Disability Support Pension with new research showing eligibility thresholds mean many are left struggling financially on the lesser Newstart payments. It also says those on the pension are struggling to make ends meet, with their costs of living at least 100 dollars more a week than those without a disability.
-Abavugira abagendana ubumuga barahamagarira reta guhindura itegeko risanzwe rihari mu gufasha abagendana ubumuga bageze muzabukuru. Aho n'inyuma yaho ubushakashatsi bwa vuba bwerekana yuko ibisabwa kugira wemererwe iyo mfashanyo vyerekana yuko benshi basigara badafise icepfo n'icaruguru behembera ku mfanshanyo ya baba barindiriye akazi. Abaronswa imfanshanyo y'abagendana ubumuga abari muza bukuru ngo nabo ntiborohewe mubijanye n'ubuzima bwa misi yose, aho ni mugihe usanga bakenera ama dorari 100 arenzeko kurusha abandi bantu batagendana ubumuga.

The number of second-year Working Holiday Maker visas granted in Australia has increased by 20 per cent over the past year.
The Federal Government is actively pursuing reciprocal visa agreements with 13 countries, in the hope it will attract even more workers.
-Igitigiri c'abarondera viza z'akaruhuko zibaha uburenganzira bwo gukora muri Australia cariyongeye ku bice 20 kw'ijana mu mwaka uheze. Reta iriko irarondera imishikirano yo gufashanya hagati ya Australia n'ibindi bihugu 13, mu ntumbero yo kuronka benshi bahurumbira iyo viza.

Abortion will be removed from New South Wales Crimes Act after a controversial bill passed the state's lower house this morning
-Ugukorora inda bigiye gukurwaho nk'icaha cahora gihanwa n'amategeko (itegeko ryari rimaze imyaka 119) mu gitabo mpanavyahaca New South Wales. Iryo tegeko rirenganye inyuma y'impari zaranzwe mu nama nshingamateka ya New South Wales.

Interpreters helping women from linguistically diverse backgrounds in family violence situations have raised concern about limited support and exposure to vicarious trauma. Despite changing attitudes to domestic violence, lawyers are also warning women may not be protected properly under the current system.
-Abasemuzi bafasha imiryango iva mu bihugu bitandukanye itavuga icongereza iba iriko iraca mu matati canke amabi akorerwa mu miryango, bariko barasaba gufashwa, aho n'inyuma yaho bamwe muri bo bashikirwa n'ingorane inyuma yo kwumviriza ingorane zitandukanye imiryango iba iriko iracamwo. Ivyo bimeze gutyo mu gihe abacamanza nabo bafise amakenga yuko abakenyezi bariko baraca murayo mabi bashobora kudakingirwa bikwiye, hisunzwe amategeko ahari ubu.

Ama komine yahawe itegeko rishasha ryo kurahiza abanye Australia bashasha ku musi uzwi nka Australia Day gusa. Ivyo bibaye gutyo inyuma y'itegeko rishasha risohowe na reta. Reta ikaba yizera yuko bizoha akaryo abantu benshi kuba abanye Australia kuriyo tariki ya 26 Nzero, gutyo bigatuma amakomine amwamwe adasivya ivyo birori.

Bivanye n'ibitero vyabaye mu mera z'indwi iheze ku bigega vy'ibitoro muri Arabiya Saudite, abahinga baravuga yuko ibiciro vy'ibitoro bishobora kuduga.

Research by the Australian Institute of Family Studies shows that people in their mid to late 20s are the most likely to divorce followed by couples in their late 40s. And those who get divorced have usually been married nine years or less.
-Ubushakashatsi bwakozwe na Institute of Family Studies bwerekana yuko abantu bari mu myaka ya za 20 nibo bari kwisonga mu gutandukana nabo bubakanye hagakurikirwa nabari mu myaka 40. Ubwo bushakashatsi bwerekana yuko abo batandukana baba barubakanye imyaka icenda canke mike.

Debate on the bill for the decriminalisation of abortion in New South Wales resumes in the upper house this week, with at least 10 amendments expected to be considered. It comes after the bill last month passed the lower house.
-Muri ino ndwi niho itegeko ryo gukuramwo inda ririko rirasuzumwa n'inama nshingamateka yo muri New South Wales ubugira kandi. Hamwe n'impinduka zitegekanijwe, iryo tegeko ryarashoboye kwemezwa mu cicaro ca mbere c'inama nshingamateka.

The biggest cause of death for young Australians is suicide.Youth mentoring organisations are calling out for inter-generational mentors to address the concerns of young people before it gets too late.
-
Kimwe mu bitera urwaruka kwitaba Imana ni hamwe n'ukwiyahura. Amashirahamwe afasha urwaruka arasaba gufasha abakiri bato hamwe n'ukunywana n'urundi rwaruka kugira ngo urwo rwaruka ruyage ibirubakiye imbere yuko amazi arenga inkombe.

African men from different African communities in Adelaide are facing each other and talk about domestic violence and family in order to change their long known perspectives, share the misunderstanding with Australians and learn from the Australian community as well.
-imiryango yaba ny' afrika itandukanye iba muri Adelaide yahisemwo kuza irakorana rimwe mu mezi atatu ngo bayage ku kiyago kitoroshe naco kikaba ari amabi akorerwa mu ngo n'imiryango.

Melance Nzeyimana is among many Africans in Western Australia who grow their own vegetables. Some of his fellow Africans have criticized him about him using a hoe reiterating that they will never use a hoe, but end up buying most of harvest. However he calls on most people to embrace farming because it is the best source of healthy food.
-Melance Nzeyimana n'umwe mubany'afurika baba mu burengero bwa Australia bahisemwo gukoresha isuka mu ntumbero yo gufungura neza. Ariko bamwe mubany'afurika baramutwenga ngo bo ntibashobora gukoresha isuka kuko ariyo baje bahunze. Ariko iyo hageze iy'imbura nibo baza muba mbere kugura ivyo yajeje. Arahamagarira abandi ngo bijukire imirire myiza mu kwirimira ivyo bafungura.

Burundian living in Australia are fighting hard to keep kirundi language as spoken as english, but on one hand, there is fear among some parents, that the mother-tongue will be forgotten down the line while on the other hand some community leaders are stepping up on new technics to keep the mother language alive at all times.
-Mu gihe bamwe mu barundi baba muri Australia batekewe n'ubwoba yuko ikirundi kizohava kizimangana, abandi bafashe ingamba zidasanzwe zo kwigisha abana babo ikirundi harimwo na gusaba imfanshanyo y'amafaranga muri reta ngo batanguze ibirasi vy'ikirundi.

Kuri benshi gutegura imisi yabo yanyuma yo kubaho ntagaciro babiha. Ukuri nuko ibice 15 kw'ijana vyonyene vyababa muri Australia nibo bonyene bamaze gutegura ibijanye n'amagara yabo ingene yokwitabwaho. Iyi ni ingingo ishobora kuba ari iya akamaro mu buzima bwacu kurusha uko tuvyibaza.

Over five million children aged under 18 in Australia.Under the United Nations Convention on the Rights of the Child, all children are meant to enjoy equal rights to growing up with access to education, healthcare and safety.However, child advocacy groups believe Australia still has a fair way to go.
-Muri Australia hari abana barenga imiriyoni zitanu bari musi y'imyaka 18. Amasezerano y'ishirahamwe mpuza amakungu ONU ajanye ni agateka k'abana avuga yuko abana bose bakwiye kugira uburenganzira bumwe mu kwaruka kwabo haba mu ndero, kwivuza be no gukingirwa. Hamwe n'ivyo abaharanira agateka k'abana baravuga yuko Australia igifise impinga ndende.

Since the beginning of the East African Got Talent show begun early August this year, different talents from various parts of the region have been represented. However the case was different when a group called HIMBAZA made of Burundians and Rwandans hit the stage playing the drums. Critics struck all social media platfforms including an official letter from Burundian minister of culture and sports as well as a response from the East Africa Got Talent. Here is what burundians living in Australia had to say with a touch of a burundian professional drumer.
-Kuva ihiganwa East African Got Talent show ritangura mu ntango zukw'umunani uno mwaka, abatari bake bakomoka mu karere bafise impano zitandukanye baramaze kwigaragaza muri iryo higanwa. Ariko igihe habonetse umurwi witwa HIMBAZA urimwo abarundi n'abanyarwanda ukomoka mu Rwanda uvuza umurisho w'ingoma zu Burundi abatari bake barashoboye kugira io bashikirije ku mbuga ngurukanabumenyi. Umushikiranganji wi Burundi ajejwe imicokama n'inkino yarashikirije ikete rinegura abo batimbo, eka n'abateguye iryo higanwa nabo baragize ico babivugako. Umviriza ico abarundi baba muri Australia bavyiyumvirako co kimwe n'umuhinga muvyo kuvuza ingoma.

The New South wales debates decriminalising abortion
-Inama nshingamateka yo mu ntara ya New South Wales iriko iriga itegeko rikuraho ibihano bijanye n'umuntu akoroye imbanyi.

Around one in four Australian children are affected by bullying at school. As a parent, it can be hard to know what to do if your child is a victim of bullying or if they're the bully themselves. In both scenarios ask an expert what parent can do to support their children and end bullying.
-Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama.

ibihumbi vy'abimukira birashobora kwisanga muyabira inyuma yo kwankirwa viza zabo. Ivyo biri mwi itegeko rishasha rihamagarira reta kwongera umukazo kuri viza zimwe zimwe. Aho bivanye n'ingeso canke uko wigenje viza yawe ishobora guhanagurwa. Izo mpinduka za shikirijwe mu kwezi guheze mu nama nshingamateka, zishobora kuzokorako abakomoka muri Nouvelle Zelande baba hano muri Australia, ivyo bikaboneka yuko bizotera uruhagarara hagati yivyo bihugu bi biri.

Australian children, as young as two months old, are being exposed to too much screen time, according to a new national health study.Experts warn it could lead to development problems - but some parents say putting away electronic devices is just too hard.
-Abana bafise amezi abiri usanga bafise za terefone bariko barazikinisha mu kiringo c'umwanya utari muto, hisunzwe ubushakashatsi buherutse gukorwa n'ikogo c'itwararika amagara y'abantu muri Australia, abahinga baragabisha yuko ivyo bishobora kugira ingaruka mbi cane mwi ikura ry'umwana. Ariko bamwe mu bavyeyi ngo gushira terefone kure si coroshe na gato.

Abanye Australia bafise amamuko yo muri Africa harimwo nabarundi baratubwira ingene amazu reta ibaha mu ntumbero yo kubafasha ingene atitabwaho niyo reta nyene. Bisaba umwanya kugira ngo baze kugira ico bakoze mu mwanya hagize icononekara murizo nzu, intambamyi zo kutamenya ururimi rw'icongereza nayo ni kimwe mu biteza ivyo bibazo eka mbere bamwe bakiyumva nkaho umengo harimwo imvangura rifatiye ku urukoba.

Abantu batagira aho bakika umusaya muri Australia barushirizaho kwiyongera. Muri rusansuma iherutse haribonekeje abantu abarenga 11 600 badafise aho bakika umusaya. Nkuko bigaragara yuko reta idafise umugambi wo guhangana nico kibazo co kimwe no kugarukira ikibazo c'amazu yo gupanga atera azimba, atagikozwe nta kimenyetso c'ivyizigiro gihari.

Inyuma y'imyaka ine hageragejwe ihirikwa rya reta ya perezida Petero Nkurunziza, ibihugu bihana urubibe nu Burundi vyarakiriye abarundi batari bake bagiyeyo nk'impunzi. Izo mvururu za poritike zikaba zaratumye abatavuga rumwe na reta yu Burundi bahunga igihugu cabo harimwo na bamwe mubipfatanije n'abandi mu gutegura iryo tembagazwa ry'ubutegetsi bakomoka mu mugambwe uri ku ubutegetsi. Ubwo bari mu mahanga barakoze ihuriro ry'imigambwe bise CNARED-GIRITEKA. Haheze imyaka ine, abanywanywi biryo huriro rya CNARED-GIRITEKA baripfuza gutaha mu Burundi kugira bategure amatora ya 2020, ariko barafise vyinshi basaba. Anicet Niyonkuru n'umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED-GIRITEKA yaganije SBS kirundi

Inyuma yaho ibiciro biduze mu gihugu ca Australia hose, abipfuza kugura inzu zabo ubwambere bariko barahura n’inzitizi zidasanzwe. Ariko hamwe n’imfanshanyo reta itanga, umuntu arashobra kugera ku ndoto ziwe zo kugura inzu yiwe. Imfashanyo reta itanga irashobora kuguha amahirwe yo kwinjira urwawe rugo.

The Burundian first lady has more than 50 orphans and widows that she takes care of, both in their daily upkeep and academically. It is a journey she begun before becoming the first lady and she will even have more time for that when she is no longer first lady. In an exclusive interview with SBS Kirundi, she reveals her passion and determination for orphans and widows.
-Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi areze abana barenga 50 hamwe n'abapfakazi yitwararika umusi k'uwundi harimwo no kubarihira amashuri. Ni ibikorwa yatanguye ataraja mu mabanga y'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi. Kuri we ngo azoba yagukiwe cane kwitararika ivyo bikorwa atakiri mu mabanga y'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi. Mu kiganiro kidasanzwe yahaye radiyo SBS Kirundi aratuyagira umutwaro afise kurico gikorwa co kurera abo bana n'abandi batishoboye.

A delegation from Burundi came to witness the opening of the long waited consul in Australia. Among many other dignitaries from Burundi was the first lady, who also had a charity and religious agenda to Burundians living in Australia. The opening ceremonies were conducted by permanent secretary to the ministry of foreign affairs in Perth while in Queensland some people showed up at the parliament to protest against her agenda.
-Indongozi zu Burundi zitandukanye zaje kw'ugurura icese ibiro vy'ubuserukizi bwayo muri Australia. Murizo ndongozi harimwo umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi nawe yarafise ivyo yateguye kuyaga n'abarundi harimwo ivugabutumwa n'ibikorwa vyo kwitanga. Ivyo birori vyo kwugurura icese ivyo biro bikaba vyarakozwe n'umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu hariya muri Perth. Aho ni mugihe muri Queensland habonetse umurwi wabaje kwigaragamvya ku ngoro y'amakoraniro nshikiranganji banenga umutambukanyi w'umukuru w'igihugu cu Burundi.

Born and raised in different refugee camps in the great lakes region, Aaron Niyonkuru has a dream of becoming a professional soccer player on an international level. He was in Spain early this year but now his road to success is very bumpy.
-Aaron Niyonkuru yavukiye anakurira mwi inkambi z'impunzi zitandukanye zo mu karere kibiyaga binini ariko ivyo sintambamyi kuri we kugira ngo ashikire indoto ziwe zo kuzokinira imirwi ikomakomeye ku rwego mpuzamakungu. Ariko urwo rugendo rwiwe ubu ntirworoshe.

A new study has found migrants from Muslim backgrounds are still facing significant barriers to employment, despite having good English language skills.
-Icigwa cakozwe casanze abimukira bab’isiramu bagihura n’inzitizi mubijanye no kurondera akazi hirya yuko usanga abafise ubumenyi bukwiye mu congereza.

Two thirds of farm workers are earning below the minimum wage, according to a report by the National Union of Workers. The union is calling on the major supermarket chains to take more responsibility for exploited workers.
-
Abakora mu mirima bari mu barihwa agahembo kari musi yayemewe n'amategeko. Ivyo vyashizwe kumugaragaro n'ishirahamwe rigwanira agateka k'abakozi National Union of workers. Bahamagarira za supermachés gushira mu ngiro amategeko biyemeje.

Private health system needs urgent repair as younger Australians continue to drop out at an alarming rate. The alarm is sparking consumers and the industry alike for the Federal Government to more and make cover more affordable.
-Igisata c'ubuvuzi bw'amagara y'abantu cigenga kirageramiwe, aho n'inyuma yaho abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.

Africa Nova invites Burundians investors to embrace the music industry and promote the Burundian musical platform. However he also discloses his top favorite artists in Burundi.
-Africa Nova arahamagarira abagwizatunga gushira amafaranga mu muziki ndundi mu ntumbero yo kuwuteza imbere ku rwego mpuzamakungu. Hamwe nivyo, arahishura abaririmvyi yemera kurusha abandi eka nabo bokorana mugihe vyoshika.

With young people being more tech-savvy than ever, it's important for the adults around them to do the right things to keep them safe. Find out what you can do to ensure that your children have a positive experience online.
-Urwaruka rutari ruke ruriko rurahurumbira iterambere riciye ku buhinga ngurukanabumenyi, ariko abakuze barahamagarirwa kuba hafi abakiri bato no kubafasha mu kubakingira. Menya vyinshi ukwiye gukora kugira ngo umwana wawe ashobore kugira ibihe vyiza kuri interineti

Antoine Marie Rugerinyange also known as Africa Nova speaks on his musical journey from before Burundi got her independence in 1962 until today where he lives in Canada. A journey of success, challenges but most of all a moment well lived.
-Antoine Marie Rugerinyange azwi nka Africa Nova aratuyagira kuvyaranze umuziki wiwe imbere yuko u Burundi bwikukira 1962 gushika uno musi niyo aba muri canada ingene akora umuziki. Urugendo rwaranzwe n'ivyiza bidasanzwe, ibimuca intege ariko vyose ngo n'ibisanzwe.

Each year almost four hundred thousand Australians relocate from one state to another for work, education, lifestyle, family...here is a checklist that can make your interstate move easier.
-Buri mwaka abantu bangana 400.000 barimuka bava mu ntara imwe baja muyindi kubwo kurondera akazi, amashure, ubuzima bwiza, gutangura umuryango mushasha.... nibiki wokwitwararika imbere yuko wimukira muyindi ntara yo muri Australia?

Researchers have found a drug that dates back to the second World War could help prevent flu
deaths.
Abashakashatsi batoye umuti ushobora gufasha mu gukingira impfu zifatiye ku bicurane. Uwo muti ukaba wakoreshwa mu bihe vy'intambara ya kabiri y'isi yose

Labor has conceded defeat on the Coalition's tax-cut plan, vowing to review stage three of the 158 billion-dollar plan at the next election.
-Umugambwe waba Labor wemeye yuko watsinzwe inyuma yaho urunani rw'imigambwe rushikirije umugambi ujanye no kugabanya amakori. Aho bemeye yuko bagiye gusubiramwo igice ca gatatu cuwo mugambi uzotwara imiriyaridi 158 z'amadorari mu matora akurikira.

The Burundi national's team goalkeeper Arakaza Mac Arthur shares the team's journey from Burundi to Egypt and back as well as some of the most challenging moment they faced.
-
Umunyezamu w'umurwi nserukira gihugu wo mu Burundi Intamba mu Rugamba Arakaza Mac Arthur uratwiganira ingene vyawugendeye kuva bakiri i Burundi bakagenda mu nkino za AFCON 2019 muri Egypte bakagaruka i Burundi hamwe n'ibibazo bahuye navyo.

There are several minor offences in Australia that could get you in trouble that you might not know about. More so the consequences can be severe.
-Waruziko hariho amakosa mato mato muri Australia woba utazi ariko kandi yoguta mu ngorane zidasanzwe? Ikirenzeko ibihano vyayo bishobora ku kugirako ingorane mu buzima bwawe bwose.

Burundi celebrates its 57th independence day, however Pierre Nkurunziza's speech asunder Burundians.
-Mw'ijambo umukuru w'igihugu c'UBurundi yashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 UBurundi bwikukira, ijambo Pierre Nkurunziza yashikirije ryakiriwe gutandukanye n'abarundi.

Five Aboriginal women from a remote Northern Territory community will fly to France in October to show off their artwork.
-Abakenyezi batanu b'abasangwabutaka bava mu uburaruko bw'igihugu bazofata indege izobashikana mu ubufaransa muri Gitugutu mu ntumbero yo kwerekana ibikorwa vyabo.

Some Burundian communities in Australia did not celebrate Burundi 57th Independence day whereas in Queensland Burundians have chosen to swipe independence day to cultural showcase day.
-Amwe muma kominote y'abarundi aba muri Australia ntiyahimbaje imyaka 57 irangiye uburundi bwikukiye. Abasanzwe baba mu ntara ya Queensland bobo bahisemwo kuwusububiriza uwundi musi bise cultural showcase.

Study finds almost three out of four child deaths and injuries are caused by suicide bombs, landmines and airstrikes.
-Ivyigwa vyerekana yuko abiyahuzi, za mine, hamwe n'ibisasu biraswa mu kirere bihitana abana batatu kuri bane canke bika bakabakomersta.

Victoria is cracking down on students using phones at state-run schools. It's the first state to launch a blanket ban for both primary and secondary schools.
-Victoria ibaye intara ya mbere muri Australia ibuza gukoresha amaterefone ngendanwa ku mashure mato nayisumbuye.t

If you're looking to start your career in Australia or are already working and want to upskill or change path, TAFE might be a good option for you. It provides vocational education and training in every Australian state, covering many industries. This podcast tells what the TAFE system has to offer.
-Mu gihe uriko witegurira gutangura akazi canke usanzwe ukora ugashaka kwongereza ubumenyi canke guhindura umwuga muri Australia, ‘TAFE’ ni ubwoko bw'ivyigwa ushobora bishobora kugufasha.

A good general practitioner, or GP, is worth its weight in gold. Jean de la Croix Butoyi is a Burundian doctor who works in Brisbane, he tells us how to find the right doctor who is qualified, attentive and understands your background.
-Jean de la Croix Butoyi ni umuganga akora mu gisagara ca Brisbane muri Queensland. Aratubwira ibintu nyamukuru wofatirako kugira utore umuganga akuvura neza, akwumviriza, ategera umuco wawe kandi muzomarana igihe kirekire.

Though the early years of settlement can be raft, especially when it comes to securing work, there's now a fresh push for refugees and migrants to live and work in regional and rural Australia in a bid to fill gaps and skill shortages in the workforce
-Nubwo imyaka ya mbere igoye kugira ngo ushobore kuba wamenyereye igihugu gishasha wimukiyemwo na cane cane iyo hageze ibijanye no kuronka akazi. Hariho umugambi mushasha ujanye no guhamagarira impunzi ngo zije kuba hagati mu gihugu kuko hariyo abakoresha benshi bakeneye abakozi muri Australia.

An Investigation has found over 15 migrants families living in Australia face deportation each year, because a family member has disability which does not align with immigration requirements.
-Ubushakashatsi bwerekana yuko imiryango ishika 15 yoba yirukanwa muri Australia buri mwaka kumvo zuko umwe muruwo muryango agendana ubumuga kandi butemewe n'igisata c'ubushikiranganji bujejwe abimukira.

Australia's suicide rate has been increasing and men are three times more likely to die by their own hand than women. Mental health support services are urging men to seek help.
-Abagabo biyahura incuro zitatu gusumba abagore muri Australia. Abatanga ama serivisi afasha abafise indwara zo mu mutwe ahamagarira abagabo kwivuza mu gihe bikenewe.

The basics of Medicare in Australia: who is eligible, how to enrol and how to make a claim.
-Medicare ni ikarata ifasha umuntu wese aba muri Australia kuvurwa no kuronka imiti. Muri kino kiganiro turaba ibisabwa ngo uyironke, ingene wiyandikisha, n'ingene usaba gusubizwa.

If you're hoping for a comfortable life when you retire, it’s important to learn more about your superannuation now.
-IMu gihe wiphuza kubaho neza mugihe uhejeje gukora, vyiza wotegura ibijanye n'ikigega kizogufasha kubaho bita superannuation kare bitegura kare..

Mental health is a taboo topic in South Sudanese culture and that is why a group of young people living in Melbourne is determined to change that.
-Indwara zo mu mutwe ziragoye kuyaga mu muco wo muri Sudani y'epho. Nico gituma hari urwaruka rwaviriye rimwe hasi kugira rubihindure.

27 May and 3 June is dedicated to celebrating the national reconciliation week between indigenous and non-indigenous Australians across the country.
-Itariki 27 Rusama na 3 Ruheshi n'indwi yahariwe ukunywana mu gihugu cose hagati y'abasangwabutaka nabanye Australia bandi.

SBS Kirundi celebrates its first anniversary since the program was launched a year ago. 136 podcasts were produced and yet the community still need more.
-SBS Kirundi irahimbaza umwaka ibiganiro vyayo bitanguye gusamirana haheze umwaka. Ibiganiro 136 nivyo bimaze gukorwa ariko hamwe nivyo benshi baracipfuza kwumviriza ibindi biganiro bitandukanye.

There is been a mixed but hopeful reaction from Australia's multicultural communities to the federal election.
-Imiryango canke kominote zitandukanye zarashikirije uko ibibona inyuma y'amatora aherutse.

English is not the only barrier to migrants in Australia, but also understanding financial system.

Different opinions from different Burundians and Rwandans on who they are voting for tomorrow.
-Bamwe mu barundi n'abanyarwanda bashikirije ivyiyumviro bitandukanye bazokwisunga mu gutora ejo aho bukera.

Electorates which are culturally diverse are poised to play a key role in determining the outcome of the election.
-Ibibanza birimwo abatora bakomoka mu mico itandukanye irafise uruhara mu gihundura ibiva mu matora. Beltrand Habiyakare arongoye kominoti y'Abarundi baba muri Victoria aratubwira igituma amatora ari inkingi ya demokarasi kandi bifise ico bifasha amakominoti aba muri Australia.

Increasing the immunization rates of children could be the key to lessening the spread of the flu this season, doctors recommend everyone get the jab and there is coast for the people at most risk.
-Kwongera urugezo rwo urucanco ku bana nivyo bishobora kugabanya imigera y'ibicurane gukwiragira hose. Abaganga basaba yuko abantu bose bo kwikingira, kandi urwo rucanco ni k'ubuntu kuri bamwe bamwe babangamiwe kurusha abandi.

New research shows an increasing number of Australians are drinking alcohol to get drunk, and many are confused about what health authorities consider safe or responsible drinking.
-Icigwa gishasha casanze abanya Australia benshi banywa inzoga kugira baboregwe, bakayoberwa ibipimo vyemewe kugira umuntu agumane amagara meza.

The National Disability Insurance Scheme, or NDIS, provides Australians who have a permanent and significant disability with support.
-Umugambi wa reta wo gufasha abagendana ubumuga witwa NDIS, uhamagarira amakominoti kuwitabira ku bwinshi.

Survey shows major concerns on non-English community speakers to be
one of the most at-risk group for fire danger.
-
ubushakashasti bwerekana yuko abimukira boba bafata iyambere mubashikirwa n'impanuka z'imiriro yo mu nzu kubera "smoke alarms" zabo zidakora.

The 4th annual ‘A Taste of African Cultures’ event will be held on Saturday 4th May from 2pm til 8pm at St. Paul’s African House in Shepparton. Organised by the African House in collaboration with the Goulburn Valley Africa-Australia Community Association, it will feature numerous African singers, bands, children’s and adult choirs, dancers including Melbourne Burundian drummers.
-Igiteramo kigira kane gihuza Abanyafrika bise 'A Taste of African Cultures' kizobera muri Shepparton ku musi wa gatandatu itariki 4 Rusama kuva igihe c'isaha umunani z'umuhingamo kuri St. Paul’s African House. Kikazoba kirimwo abaririmvyi, chorales z'abakuze n'abana, imvyino, intambo hamwe n'ingoma z'Uburundi.

The World's first ever vaccine against Malaria is being given to young children in Malawi.The vaccination pilot program will take place over 5 years, and it's estimated between one-and-a-half and two million children will receive the vaccine.
-Urucanco rwa mbere rwo kurinda indwara ya Malaria ruhereye muri Malawi. Rukazohabwa abana bafise musi y'imyaka ibiri, bagera hagati y'imiriyoni imwe n'igice canke zibiri.

Many migrants maybe fearful of speaking up in public, but
all Australians have the right to participate as active citizens in shaping the society they live in.
-Abimukira benshi baracatinya gushikiriza ivyiyumviro vyabo kumugaragaro, ariko abanye Australia bose barafise uburenganzira bwo gushikiriza uko babibona mu ntumbero yo gutunganya uko babayeho.

Prime Minister Scott Morrison has announced a record of 328 million dollars to fight domestic violence.
-Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yamenyesheje yuko amadorari anagana imiriyoni 328 ariyo azokoreshwa mu kurwanya amabi akorerwa mu ngo mu buryo butandukanye.

Anzacs means the multicultural servicemen and woman.
-Abasangwabutaka,abanye australia, abo muri Nouvelle zelande, canada, abarusiya hamwe n'abashinwa ni bamwe mu bagize ikizwi nka "anzacs"

It's compulsory for all Australian citizens to vote in the federal election, but not everyone has to cast a ballot on election day. As the campaign gets underway, an increasing number of people are choosing to vote early at federal elections. But the Australian Electoral Commission says voters still need to have a valid reason for choosing to do so.
-Ni itegeko kuja mu matora muri Australia. Ariko ntibikundira bose gushika aho batorera. Umviriza uburyo wotora mu gihe uri ku rugendo canke urwaye.

The 2019 Australian federal election is just around the corner when we will elect members of the 46th Parliament of Australia. So how do elections determine our next government?
-Amatora ku rwego rw'igihugu aregereje muri Australia. Muri kino kiganiro dusigura ingene uburongozi butorwa.

Refugees with disabilities say they are facing long waits for vital equipment and service upon settling in Australia.
-Impunzi zigendana ubumuga ziratwiganira ingorane zihura nazo mu gihe ziba zitegereje ibikoresho ngirakamaro zavyo mu gihe baba batanguye ubuzima bushasha muri Australia

The government of Belgium has officially apologised for the kidnapping of mixed-race children from its African colonies in the Democratic Republic of Congo and Burundi.
-Ububirigi bwasavye imbabazi ku bana bavanze hagati y'abera n'abirabure batwawe ku nguvu mu gihe c'ubukoroni mu bihugu bitatu arivyo Congo, Rwanda no mu Burundi.

All workers in Australia need a bank account. But the different types on offer can be confusing for new migrants. So, what are the important things to consider before choosing a banking account?
-Umuntu wese akora ategerezwa kugira konte muri banki muri Australia. Mu kiganiro turaba ibintu nyamukuru woraba mu guhitamwo iyo ukoresha.

More than 800 000 died during the 1994 genocide in Rwanda. However healing, hope, unity and forgiveness are still in process after 25 years
-Abantu barenga 800 000 barishwe mw'ihonyabwoko ryabaye mu 1994 mu Rwanda. Ubumwe, ukunywana, no kurekuriranira vyoba vyifashe gute inyuma y'imyaka 25?

We work, shop, play and interact with family and friends online.
But more Australians are falling victim to online scams than ever before.
The Australian Government’s Stay Smart Online week reminds consumers of how we can stay safe on the net.
Twese turakoresha internet mu buzima bwacu bwa misi yose haba ku kazi, kw'ishure canke kuvugana n'incuti n'abagenzi. Ariko hari benshi bahahurira n'abambuzi. Umviriza uburyo wobirinda muri kino kiganiro.

A new report released by the Collective for Action on Obesity found around 900,000 additional Australians had become obese over the last three years.
-Icirwa gishasha cerekana ko hari abashika ibihumbi 900 muri Australia biyongeye kubafise ubuvyibuhe burenze mu myaka itatu iheze.

Did you know that by donating your organs and tissues when you die, you could save or improve the life of at least ten people? With thousands of Australians being on transplant waiting lists or dialysis, it's important that more people become donors.
-Woba waruzi kushobora gutanga ibihimba vy’umubiri nkenerwa mu gihe witavye Imana? Ko kandi mu gihe ubitanze bishobora gufasha mu buhinga mu bijanye n’amagara canke bigafasha kubaho abantu bagerakuri cumi?

This year's harmony day marks the 20th anniversary since its beginning. Australians are embracing and supporting each other regardless of their ancestry background.
-Ku incuro igiro 20, umusi wahariwe ubumwe mu ubudasa waharimbaje. Uyo musi washitse mugihe mu gihugu kibanyi ca New zealand caraye gishikiwe n'amakuba y'ubwicanyi.

The death toll is rising following the devastating Cyclone Idai, which has so far killed hundreds of people in Mozambique, Zimbabwe and Malawi.
-Abantu benshi baraye basize ubuzima igihe igihuhusi bise Idai carengana ibihugu bitatu gihereye muri Mozambique, Zimbabwe na Malawi.

With the current shortage of foster carers in Australia, especially those who are Indigenous or from a culturally diverse background, now is the time to take the leap.
-Umviriza ibisabwa kugira ushobore gufasha kurera umwana muri Australia.

Navigating the Australian health system, understanding what the doctors say and remembering all the information they give you can be confusing, even if you grew up in Australia. And if you're new to the country it's even harder. But there is an online tool called My Health Record that can make your life much easier.
-
My Health Record ni serivisi nshasha igufasha kubika ibijanye n'amagara yawe ku buryo abaganga babona kahise kawe bakoresheje ingurukanabumenyi.

Immigration Minister David Coleman says the new visas will help fill in the gaps that migrants have long been campaigning to be filled.
-Reta ya Australia iramenyesheje ubwoko butatu bw'ama visa mu gihugu.

It was the eleventh time africultures took palce this year and not even the rain was able to stop the weekenders from partying, dancing, modeling.
-ku ncuro igira cumi na rimwe ibirori vyiswe 'africultures' vyarabaye uyu mwaka. Nubwo haguye imvura ntiyashoboye guhagarika abaryoherwa, abatamba, n'abanya mideri.

An Artist of influence, a Kirk Robson's award winner tells all about his struggles and journey to a successful motivational speaking career.
-Fablice Manirakiza aratwiganira ingorane yaciyemwo mu buzima bwiwe. Ngo ariko izo ngorane ntizamubereye intambamyi mu gutera intege abandi, no kubabwira ibijanye n'ivyizigiro vya kazoza. Aranatubwira ibijanye n'agashimwe yaraye aronse kitiriwe Kirk Robson muri Australia.

Both options have different advantages so we've asked property experts to talk us through them.
-Kugura inzu yubatse canke kwubakisha vyose birafise akarusho. Abahinga mu bijanye n'amazu baratubwira ingene bimeze.

Dr Manu Ndayisaba has attended Sydney Gay and Lesbian Mardi Gras six times including many other pride marches in Adelaide and San Francisco. He talks about the importance of having a festival where the LGBTQI community feels supported and accepted.
-Dr Manu Ndayisaba amaze kwitaba ibirori vya Mardi Gras incuro zitandatu eka no mu bindi bisagara nka Adelaide canke San Francisco. Aratubwira umwanya vyamutwaye mu kumenya ikibanza ciwe mu muryango wa LGBTQI hamwe n'akamaro ko guhimbaza amasabukur nkayo yerekana ko umwe wese afise ikibanza muri kominoti.

eSafety office find issues like visa uncertainty, shame and language difficulties impact on cyber bullying victims
-Ibiro bijejwe gukingira amabi akorwa biciye k'ubuhinga ngurukana bumenyi eSafety, bwasanze: Visa, ingorane y'ururimi rw'icongereza,... bifise ikibanza kinini muriryo nyuzurwa.

SBS will bring you a live stream of the entire parade, as well as extensive coverage of the parade highlights with our wonderful hosts.
-SBS izoshikiriza urugendo rwa 'Mardi Gras' ruzobera muri Sydney. Umviriza ingene wobikurikirana ku mboneshakure canke ukoresheje ingurukanabumenyi.

It's time for the annual Sydney Gay and Lesbian Mardi Gras parade which is expected to be watched by hundreds of thousands around Australia.
-Isabukuru rya Mardi Gras riregereje rikaba rizobera muri Sydney aho abantu ibihumbi bazoja kurorera urugendo rwo kwigina aba 'gay' abagabo bakora imibonanao mpuzabitsina n'abagabo hamwe n'aba 'lesbian' abagore bakora imibonano mpuzabitsina n'abagore.

Pacifique Ndayisaba, an advocate of human rights and representative of the Burundian Community in Mildura, Victoria attended the Refugee Alternatives Conference 2019 held in Adelaide. He shares the importance of having a space to discuss refugee leadership and self-representation.
-Pacifique Ndayisaba, aserukiye kominote y'abarundi baba muri Mildura mu ntara ya Victoria aratubwira ivyavuye mu nama yabereye muri Adelaide iraba akamaro ko kuronka ikibanza abimukira bayagiramwo ibijanye n'agateka kabo.

If your child enters the youth justice system, it’s important to know what are their rights and where to get help.
-Mu gihe umwana wawe afashwe akoze icaha ni vyiza kumenya amateka amugenga n'ingene woronka uwugufasha nk'umushingwamanza canke umusemuzi.

A group of aged people, 50-80 years old decide to sit in class for computer lessons.
-Abantu bari hagati y'imyaka 50 na 80 basubiye mw'ishuri ngo bige ibijanye n'ubuhinga ngurukana bumenyi.

People waiting in queue for a job interview.
-Abantu bari k'umurongo barindiriye ikibazo kijanye n'akazi.

In this podcast we talk about what you should you consider when setting up a new relationship in the interconnected online world.
-Mu kiganiro tuvugana n'uwaronse umukunzi aciye kuri interineti. Turaraba ivyo umuntu yokwitwararika mu kurondera umukunzi akoresheje ingurukanabumenyi.

The first national study of young people from migrant and refugee backgrounds conducted by Melbourne University has found they face a number of challenges, including discrimination and inter-generational conflict.
-Icirwa ca mbere cerekeye urwaruka rukomoka mu bindi bihugu canke baje kuba ngaha nk'impunzi cakozwe na kaminuza ya Melbourne carerekanye ibibazo bikunda gushika harimwo ikumirwa no kutumvikana n'imiryamgo bivuye ku tandukaniro ry'imyaka.

Asians welcome the year of pig 2019, as they wave bye to the year of dog.
-Abanye aziya baraye bahaye ikaze umwaka w'ingurube (2019), inyuma yo gusezerera umwaka wa 2018 wataziriwe uw'imbwa.

Getting involved in your children’s school will have a positive effect on their grades and wellbeing. We look at where to start.
-Gukurikirana ibijanye n'amashure y'abana birafise akamaro. Bibafasha mu kuronka amanota meza no kumererwa neza.

NDUWIMANA David and Tina MAYA explain how afrofest is positively changing lives of different people from different background.
-NDUWIMANA David na Tina MAYA baradusigurira ingene afrofest ifasha abantu batandukanye bava mu bihugu birenga cumi.

Protais Nijimbere is a Burundian father of 4 who lives in Melbourne was seen at a park feeding his son. Although it is unusual to see a father feeding or caring for a young child in Burundi, he enjoys doing it for his young children in public. He reflects on why it is important for fathers to help in caring for children in Australia where accessing a nanny can be expensive.
-Protais Nijimbere ni umuvyeyi w'abana bane. Radiyo SBS mu Kirundi yamusanze aho Abarundi bahuriye ahejeje kugaburira umwana wiwe mu gihe nyina yari mu nama. Aratubwira nimba vyoba vyoroshe ku bagabo kurera umwana akiri muto co kimwe nkuko nyina abikora.

Each February 4th, it is World Cancer Day. We explore some of the latest research findings in skin cancer and blood cancer in Australia.
-Itariki 4 Ruhuhuma, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara ya kanseri. Mu kiganiro tuyaga ibijanye na kanseri y'amaraso na kanseri y'urukoba muri Australia.

The NSW Interpreter Scholarship pilot Program will support 45 people who speak in-demand languages with fully funded scholarships to study interpreting at NSW TAFE—Ray Williams, Minister for Multiculturalism.
For more information, please see: www.multicultural.nsw.gov.au.
-Mu ntara ya NSW hari porogaramu nshasha ije kugira ifashe abantu 45 kwiga gusemura ku buntu.
Isomere vyinshi kuri uyu murongo: www.multicultural.nsw.gov.au.

Australia’s national day has its roots in the country’s colonial past. It marks the day when the First Fleet of 11 British ships sailed into Port Jackson with Governor Arthur Phillip raising the British flag in Sydney Cove on 26 January, 1788. Many Indigenous Australians regard it as ‘Invasion’ or ‘Survival’ Day. How has the meaning of Australia Day changed over time?
-Umusi wahariwe guhimbaza Australia ni umusi wo kwibuka igihe Abongereza ba mbere bashika mu gihugu itariki 26 Nzero mu 1788. Abanyabutaka benshi bawita 'Umusi w'amaganya' Umusi w'umubabaro n'umusi wo kurokoka. Muri kino kiganiro turaba kahise k'igihugu n'igituma uwo musi udahimbazwa na bose.

Gunmen have blasted their way into a luxury hotel and office complex in Nairobi, Africa. At least twenty one people are dead and authorities expect the death toll to rise. Somali militant group al-Shabab has claimed responsibility for the attack, the first in the Kenyan capital in five years.
-Umurwi wa al-shabab waremeje ko wateye ihoteri ririmwo n'ibiro mu gisagara ca Nairobi muri Kenya aho abantu barenga mirongwibiri bahasize ubuzima abandi barakomereka.

Members of the Australian Burundian Community in Victoria (ABCV) shared new year greetings for family and friends.
-Abarundi baba mu gisagara ca Melbourne mu ntara ya Victoria baratahije incuti n'abagenzi babiphuriza umwaka mushasha w'2019.

SBS Kirundi is delighted to welcome Jean Paul Amédée Nizigama who will be producing programs from Sydney, NSW.
-SBS mu Kirundi irahaye ikaze Jean Paul Amédée Nizigama aje gukora ibiganiro mu rurimi rw'ikirundi akaba azokorera kw'iradiyo ya SBS muri Sydney.

The Burundian Community in Sydney gathered at Sydney Olympic Park to celebrate Christmas and New year 2019.
-Abarundi baba muri Sydney bakoraniye kuri Sydney Olympic Park aho barahimbaje Noweri n'umwaka mushasha w'2019. Muri kino kiganiro barashikiriza umunezero bafise wo gutangura umwaka bari kumwe n'abandi muri kominoti. Mubo twayaze harimwo Patrick, Stephanie, Praise na Sylvestre.

Skylines across Australia have lit up with tonnes of fireworks, as people across the nation ushered in 2019.
-Umviriza ingene Australia itangura umwaka mu guturitsa amatoni y'amatara mu kirere mu bisagara vyose mu guhimbaza umwaka mushasha.

Visiting a national park during this summer? Here are some tips to make the most of your visit.
-Ni muci aho abantu benshi usanga bari mu kiruhuko. Mu kiganiro uhumvira ibintu wokwibuka mu gihe ufise umugambi wo kuja gutembera mu mashamba acungerewe mu gihugu.

Playgroups are amazing for children. They can have fun, make friends and develop social and language skills. But parents can get a lot from them too, especially if they're new to Australia.
-Ibibanza vy'ihuriro vyo gukiniramwo no kwiga ni vyiza cane ku bana. Barahigira kubana n'abandi, kwiga ururimi rushasha eka n'abavyeyi barahagirira abagenzi, bakayaga bakahamenyera n'amakuru yaho baba.

Christmas and New Years are special events for Burundians. SBS Kirundi asked some members of the Burundian Community in Melbourne and Mildura to share how they prepare for the celebrations.
-Noweri n'umwaka mushasha n'ibihe bidasanzwe ku barundi. SBS Kirundi yaregereye Abarundi baba muri Melbourne na Mildura baratubwira ingene bariko baritegurira kurangiza umwaka bongera batasha n'incuti n'abagenzi.

International Migrants Day and International Human Solidarity Day are celebrated respectively on December 18th and 20th. The African Community in Mildura has organised a week of various cultural events and solidarity actions including African music, comedy , soccer, cricket and a fundraising event. One of the main organisers, Pacifique Ndayisaba who is a Burundian human rights activist speaks about the importance of celebrating unity, diversity while calling for respect and dignity for new migrants in Australia.
-Umusi mpuzamakungu wahariwe abimukira hamwe n'umusi mpuzamakungu wahariwe gufatana mu nda bihimbazwa uko bikurikirana amatariki ya 18 na 20 Kigarama. Kominoti y'Abanyafrika baba muri Mildura (Victoria) barateguye ibirori harimwo ingoma z'abanyafrika, udukino dutwenza, umupira w'amaguru n'ibindi. Pacifique Ndayisaba, ni Umurundi ari mu babiteguye aratubwira akamaro ko kuja hamwe mu guhimbaza iyo misi mikuru ku Barundi baba mu mahanga.

Two Burundian mothers, Aline Karangwa and Evelyne Miburo tell us how school holidays can be challenging. They share their experience navigating holiday care programs and free activities to keep their children occupied.
- Abavyeyi babiri Aline Karangwa and Evelyne Miburo baratubwira ibibanza bahora bajanamwo abana gukina mu kiruhuko n'ingene babigenza mu gihe umuvyeyi akora mu kurondera uwusigarana abana.

Summer has officially started in Australia. Many of us will take advantage of weekends and school holidays to spend time outdoors so here are a few tips to make sure you stay safe.
-Ici riratanguye muri Australia. Benshi bakazomara umwanya bari ku kiyaga, canke bagiye gutembera. Umviriza ibintu ushobora gukora kugira wirinde impanuka zishobora gushika mu kiruhuko.

Burundian royal drums were beaten for the 3rd time at the African Music & Cultural Festival 2018 in Melbourne.
Hilaire Bucumi tells us about the preparation involved in getting ready for this special performance.
-
Ku musi wa gatandu Abanyafrika bava mu bihugu 35 bahuriye kuri Federation Square muri Melbourne mu kwigina akaranga n’imico yabo. Ingoma zo mu Burundi zarabiciye biracika nkuko vyama. Hilaire Bucumi aratubwira mu ncamake ingene biteguriye bino birori bidasanzwe.

Burundian royal drums are a symbol of a national pride. People who come across them often wonder how they got to Melbourne in Victoria. An elder from the Burundian community, Jean Bosco Kaziri (67) takes us on a journey of how the first drums got here.
-Ababona ingoma z'Abarundi zivuzwa muri Melbourne baratangara bakiyumvira ingene zashitse ino. Kaziri Jean Bosco ari mu barondeye ibiti vyo gukana ingoma za mbere. Aratubwira ubutwari bwahabaye kugira ngo haboneke ingoma n'umurwi w'abazivuza muri Melbourne, mu ntara ya Victoria.

One in three women and girls experience violence in their lifetime. From 25 November to 10 December, the world celebrates 16 Days of Activism against Gender-Based Violence an opportunity to campaign to end violence against women and girls around the world. We look at the findings of a survey on gender equality that has found more than half of young Australian women have faced discrimination.
-Guhera iratiki 25 Munyonyo gushika itariki 10 Kigarama n’imisi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyenzi kw’isi yose. Umwe mu bakenyezi batatu niwe ashikirwa n’amabi kw'isi yose. Muri kino kiganiro turabira hamwe icirwa giherutswe gukora cerekana uburyo abakobwa n'abagore bakorerwa amabi atandukanye n'ico umuntu yokora.

Multicultural groups express their disappointment as the new laws will force many migrants to wait four years before they can qualify for the dole.
-Multicultural groups express their disappointment as the new laws will force many migrants to wait four years before they can qualify for the dole.

To smack or not to smack? That’s a question many parents ask themselves when it comes to disciplining their children.
-Mu bijanye n’indero canke gushira umwana ku murongo kenshi abavyeyi baribaza ko bokoresha inkoni canke ko hari ubundi buryo umuntu akoresha kugira umwana amwumvirize bitagoranye.

World AIDS Day is celebrated on December 1st and is an important day to educate people and break down the stigma around HIV and related illnesses as almost 37-million people still live with the condition around the world today.
-Umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya sida uhimbazwa uhimbazwa itariki 1 Kigarama akaba ari umusi wo kwigisha abantu ibijanye n’umugera wa sida mu gihe hari abantu bashika imiriyoni 37 bagendana umugera wa sida kw'isi yose.

Pacifique Ndayisaba isthe representative of the Burundian Community in Mildura who attended the African Australians Settlement & Integration 2030: Opportunities and Challenges, a conference organised by The African Think Tank and held at the University of Melbourne on 12th & 13th November 2018. He reflects on the importance to work together as a community in solving issues around employment, education, leadership, health and wellbeing of African Australians.
-Pacifique Ndayisaba aserukiye kominoti y'Abarundi baba muri Mildura mu ntara ya Victoria akaba yari yitavye inama yateguwe na African Think Tank yabereye kuri kaminuza ya Melbourne amatariki 12 na13 Munyonyo 2018. Aratubwira akamaro ko kuja hamwe nk'Abanyafrika canke kwegerena nka kominoti mu gutorera inyishu ibibazo bijanye n'ubuzi, indero, amashure n'amagara y'abanyafrika baba muri Australia.

Elvis Kamsoba has been awarded the inaugural Michael Cockerill Medal an award for the standout National Premier Leagues performer in each season of the Footbal Federation Australia Cup competition. He talks about perseverance and the power of believing in your dream.
-Elvis Kamsoba aheruka kuba umukinyi wa mbere w'umupira w'amaguru atahukanye umudari witiriwe Michael Cockerill muri Australia. Aratubwira akamaro ko kutihebura mugihe ufise ikintu ukunda kandi wiphuza gukora mu buzima.

In Australia, one in twenty deaths are caused by alcohol or illicit drugs. The stigma related to substance use in some culturally and linguistically diverse communities, addressing drug use can be a daunting task but there is support for anyone experiencing issues with drug or alcohol.
-Muri Australia, umuntu umwe muri 20 yicwa n’inzoga canke ibiyayura umutwe. Muri kino kiganiro turaba ingaruka mbi z'urumogi, urugero rw'inzoga umuntu atorenza kugira agumane amagara meza n'ingene umuntu arondera uwomufasha kugira abihebe.

Michael Fendel talks about 'Modelling Respect and Equality (MORE)', a new program developed by the Men’s Project to build people’s skills and help them create change in their community around issues of respect and equality, particularly among boys and men. Coming from an African background, Innocent Karabagega, a Burundian who participated in the two day intensive workshop reflects on how it can be used to change attitudes and promote positive change.
-Michael Fendel aratubwira ibijanye n'icirwa gishasha cashizweho na porogaramu yitwa Men’s Project kizofasha guteza imbere imibano myiza hagati y'abagabo n'abagore mu ma kominote. Innocent Karabagega,umurundi yakurikiye ico cigwa aratubwira ingene gishobora gukoreshwa mu guhindura ivyiyumviro no mu gufasha mu ma kominote afise imico itandukanye.

Carers can come from any cultural background, and refugees and people seeking asylum can also work in a caring role. Aline Karangwa speaks about what is involved in being a carer in Australia.
-Aline Karangwa ni umurundikazi aba muri Melbourne aratubwira ibintu bitatu womenya ku bijanye n'umwuga wo gufasha abari mu za bukuru canke abafise ubumuga. Ibisabwa kugira ukore uwo mwuga, ingene ukoresha umwanya n'ivyo wokwitaho kugira umwuga wawe ugende neza.

The Victorian state election is coming up on 24 November. The Burundian Community in Victoria participated in a session presented by two democracy ambassadors from the Victorian Electoral Commission (VEC) at the Multicultural Hub on how to enrol and vote correctly.
-Amatora yo mu ntara ya Victoria azoba itariki 24 Munyonyo. Mu barundi bahuriye kuri Melbourne Hub aho bigiye ibijanye n’amatora, Ezechiel Ntirenganya yarimwo aratubwira ibisabwa kugira utore, ukwiyandikisha mu matora, uguhitamwo abo utora n’uko bigenda ku musi w’amatora. Gutora utegerezwa kuba ufise imyaka 18, ufise ubwenegihugu bwa Australia kandi uba muri Victoria.

Australia is a giving nation with almost six million people involved in volunteer work. Research shows that 96 per cent of those who donate their time for the greater good find more happiness in life. But for jobseekers struggling to find work, volunteering can often lay the foundation for future employment.
-Ivyirwa vyerekana ko abantu bagera ku bice 96 kw'ijana bitanga kugira bakore iciza, bibazanira umunezero ntangere. Ikindi nuko abashomereye umwanya munini bashobora no kuharonkera akazi.

On 13th and 21st October, Burundians commemorate respectively the independence hero Prince Louis Rwagasore and the Democracy hero Melchior Ndadaye. Bonheur Rukundo is one of the organisers and talks about how the Burundian Community in Queensland gathered to share messages of peace, unity and prosperity.
-Amatariki 13 na 21 Gitugutu, uko akurikirana Abarundi bibuka incungu y'intahe y'ukwikukira umuganwa Ludoviko Rwagasore hamwe na Melchior Ndadaye. Bonheur Rukundo asanzwe ari mu bateguye ivyo birori mu ntara ya Queensland, araducira ku mayange amajambo aremesha yahavugiwe ahamagarira Abarundi guharanira amahoro, ubumwe n'urukundo imisi yose.

Belthrand Habiyakare is a polyglot who can speak five languages including Kirundi, Kinyarwanda, French, Swahili and English. He explains the benefits of learning new languages.
-Belthrand Habiyakare n'umurundi aba muri Melbourne avuga indimi zitanu. Umviriza indimi avuga izarizo, ingene yazize, ico zimufasha n'uburyo abavyeyi bokoresha mu kwigisha indimi zitandukanye abana babo.

Almost half of Australians will experience mental health issues in their lifetime. While we hear more and more about the importance of mental health, a lot of people are still scared or unsure about how to ask for help.
-Indwara zo mu mutwe zifata kwinshi. N’ibihe bimenyetso vyotuma urondera muganga? Muri kuno kwezi kwahariwe indwara zo mu mutwe turavugana na Muhiziwintore Jean Bosco asanzwe ari mu gisata c’ubuganga kivura indwara zo mu mutwe.
Ukeneye kuvugana n’umuganga ku bijanye n’indwara zo mu mutwe akura Beyondblue kuri 1300 22 4636 canke Lifeline kuri 13 11 14.

A new study shows skilled migrants add to Australia's wealth, and do not live on welfare or rob local workers of jobs. The report is by the Treasury and the Department of Home Affairs, and follows calls to reduce Australia's immigration intake. Burundians share their stories of resilience from when they felt unwelcome in Australia.
-Naho twumva abantu bavuga ko kwemerera abantu kuza kuba muri Australia bituma ubuzi bugabanuka, canke abantu bakababwira gusubira iyo bavuye; icigwa gishasha giherutswe gukorwa cerekana ko abantu baje kuba muri Australia bava hanze bateza imbere igihugu. Loic Iteka ari mu Barundi batubwiye ibikunda gushika iyo uba mu gihugu c'abazungu batamenyereye abantu bava mu yindi mico.

Heart disease is the leading cause of death in Australia. On average, one Australian dies every 12 minutes as a result of a cardio vascular disease. When it comes to heart attacks, one Australian dies almost every hour. Do you know how to recognise the signs of a heart attack and what to do if it happens?
-Itariki 29 Gitugutu ni umusi mpuzamakungu wahariwe umutima. Indwara z’umutima ziri mu za mbere zica abantu benshi muri Australia. Duhamagariwe kwitaho imitima yacu kugira tugire amagara meza mu gufungura neza no kwinonora imitsi. Mu kiganiro c'uno musi turaraba n'ibimenyetso vy'umuntu afashwe n'umutima nico wokora bigushikiye.


Around the globe, more than 250 million people live outside their country of birth and many migrants choose to send money to families back home. Australians are also transferring more money overseas than ever before, but the hidden costs can be hefty.
-Abantu barenga imiriyoni 250 nibo baba hanze y'igihugu cabo c'amavuko kandi benshi muri bo bararungikira amahera imiryango yabo. Mu kiganiro c'uno musi turaba ibintu umuntu yokwitwararika mu kurungika amahera.

Fablice Manirakiza, 2016 Young Victorian Achiever of the Year and the President of the Australian Burundian Community in Victoria (ABCV) attended the Adult Migrant English Program (AMEP) & Skills for Education and Employment (SEE) Forum in Canberra, ACT. He spoke on the power of education and the importance of programs that can enhance employment opportunities for Africans whose first language is not English.
-Fablice Manirakiza, yatowe nk'umwe mu rwaruka rwa Victoria rwakoze ibikorwa bihambaye mu mwaka wa 2016 akongera akaba umukuru wa kominoti y'Abarundi baba muri Victoria (ABCV) aratubwira ivyavuye mu nama ya AMEP-SEE itegura ama porogaramu afasha abakomoka mu bihigu bitavuga icongereza kuronka ubuzi muri Australia.

It's important to understand your electricity bill to make sure that you're charged the correct amount.
-Birakenewe gutegera ingene uriha fagitire y'umuyagankuba kugira ntusange urishe menshi. Muri kino kiganiro, Evelyne Miburo aba muri Melbourne aratubwira ingene ahora ariha fagitire, bimwe mu bihora bituma iduga n’ibishobora gushika mu gihe wihojeje kuyiriha.

Being new to Australia often means adapting to new laws and possible fines. It can be difficult to understand why you get fines, how to pay them or how to dispute them. There’s support for those who need it to dispute fines and understand the legal system better.
-Uba muri Australia, amande arashobora kugora gutegera, ingene uyariha canke ingene wisigura mu gihe bakurenganije. 'Legal Aid' iri mu bishobora kugufasha mu kwumva ibijanye n'ubutungane.

Bernice Kamikazi is a Burundian passionate about advocacy for refugees in Australia. Supported by the Refugee Council of Australia (RCOA), she is a recipient of the John Gibson Refugee Community Leadership Grant that allowed her to participate in the first Global Summit of Refugees in Geneva.
With a focus on the Great Lakes region of Africa, Bernice shares her experience during the 10 days of Australian advocacy in Geneva (19-29 June 2018) which included the UNHCR’s annual NGO Consultations, global dialogue on refugee resettlement, and meetings with senior officials of the United Nations High Commissioner for Refugees (UNHCR), the UN Human Rights Council and the International Organization for Migration (IOM).
-Bernice Kamikazi umurundikazi yaserukiye Austrariya mu nama mpuzamakungu yo guharanira agateka k'impunzi i Geneva mu gihugu ca Suisse aratubwira ibintu nyamukuru vyahavugiwe n'urunani rushasha mpuzamakungu rugiye kuvuka kugira rufashe impunzi ziri mu bihugu bitandukanye vyo kw'isi yose.

As more women join the workforce the demand for suitable and affordable child care grows. The cost varies and it’s often difficult to navigate the system. So, how do you know what services are available and whether your family is eligible to access government subsidy?
-Muri Australia hari child care zitandukanye. Muri kino kiganiro, aba mama babiri Rosine aba muri Melbourne na Bernice nawe aba muri Sydney baratubwira child care bakoresha n'ingene baziriha.
Murahumvira ubwoko butandukanye bwa child care buhari nka Long day care, Family day care canke after school care.

Isaac Icimpaye has moved from Sidney and Wollongong to settle in Mingoola. He shares the differences between the city and countryside lifestyles and his experience share farming.
- Isaac Icimpaye yabaye mu bisagara vya Wollongong na Sydney aheruka kwimukira muri Mingoola. Yaratubwiye ikimunezera mu mibano, uburimyi, n'ibindi bijanye n'ubuzima bwo muri Mingoola.

In today's podcast we hear from Robert Mukombozi, the representative of the African Community in Queensland. He outlines the contributions of Burundians and Rwandese in many sectors such as business, medicine, mining and farming; and some of the challenges affecting African Australian communities.
-Muri kino kiganiro Robert Mukombozi arongoye kominote z'abanyafrika bose mu ntara ya Queensland atubwira ubuzima bw'Abarundi n'Abanyarwanda baba mu bisagara bitandukanye; ubuzi bubonekayo, uburimyi n'ubworozi hamwe n'ingorane zimwezimwe zikunda gushikira ama kominote akomoka muri Africa.

More than five million people have been granted Australian citizenship since 1949.
What are the steps involved before reaching that stage?
-Abantu barenga imiriyoni zitanu nibo bamaze kuronka ubwenegihugu bwa Australia kuva muri 1949.
Ni ibihe bintu bisabwa kugira uburonke?
Umviriza Frederic Manirakiza, umurundi aba muri Shepparton (Victoria) aheruka kuronka ubwenegihugu atubwire intambwe yaciyemwo.

Eight Melbourne mayors have come together in a show of support for the state's South Sudanese-Australian communities following what they say is a barrage of negative media and political commentary.
They say the threat of violent crime by African-Australians as a whole is being grossly overstated and crime is actually decreasing.
-Abakuru bibisagara umunani bo mu ntara ya Victoria; bagiye hamwe kugira bashigikire kandi bafate mu mugongo abanya austrariya bakomoka mu gihugu ca Sudani y’epho mu nyuma y'ibimaze misi bica mu bimenyeshamakuru bivuga ko hari mirwi y'urwaruka ikora ikibi ikomoka muri Africa.

Kirundi speakers families who have relocated from Melbourne to Hamilton, Shepparton and Wagga Wagga share their experiences living on the countryside.
-Abarundi baba muri Hamilton, Shepparton na Wagga wagga baratuyagira ingene ubuzima bumeze mu bijanye n'akazi, amashure, ukurima n'imibano.

There are several changes expected to happen with Australian visas in 2018.
-Hari vyinshi bizohinduka muri uno mwaka mu bijanye n'impapuro z'inzira arizo visa muri Austrariya mu mwaka wa 2018.

While families from Africa’s Great Lakes Region are resettled in urban areas in Australia, there are various reasons why some families have decided to move to regional areas.
Musoni Manuel, the representative of the Great Lakes Agency for Peace and Development (GLAPD) has helped families to settle in New South Wales and Melbourne towards rural areas and Victoria. He talks about the challenges and benefits of regional resettlement for Kirundi speakers.
-Mu gihe abaza kuba muri Austrariya usanga bashikiye mu mpande zose z’igihugu hari abashima kwimuka bava mu miji bakimukira ruguru. Muri kino kiganiro tuyaga na Musoni Emmanuel, atwara ishirahamwe Great Lakes Agency for Peace and Development (GLAPD) rifasha kwimura imiryango yiphuza kuva mu miji ija ruguru. Aratubwira akamaro bifitiye imiryangio y’abava mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga bigari harimwo Uburundi, Urwanda, Congo na Kenya.

The number of homeless people keeps rising in Australia. With no clear national plan and a lack of affordable housing, there's no sign of things getting better.]
-Igitigiri c'abantu batagira aho baba kiguma kiduga muri Austrariya. Mu gihe ata mugambi wa reta wo gukemura ico kibazo, abantu barara mw'ibarabara bazoguma bagwira.

Arlette Ngendakumana and Mireille Ndikumana talk about their way of showcasing Burundian culture through traditional dances in Sydney, New South Wales.
-
Arlette Ngendakumana na Mireille Ndikumana bari mu batanguye umurwi w'imvyino 'Inyambo' muri Sydney, New South Wales.
Mu kiganiro c'uno musi baratubwira akamaro ko kwigisha akaranga n'imico kama y'Uburundi biciye mu mvyino.

Sadly, all too many Australians are aware of someone they know who is affected by domestic violence or abuse. So if you know it's happening, what should you do?
-N'igiki wokora mu gihe uzi umuntu ashikiwe n'amabi mu rugo canke mu muryango ?
Mu kiganiro c'uno musi Musoni Emmanuel arongoye ishirahamwe GLAPD (Great Lakes Agency for Peace and Development) riraba ibijanye n’itermabere no kugarukana amahoro mu bihugu vyo mu karere k'ibiyaga bigari vyo muri Africa aramenyesha amaserivisi ashobora gufasha abantu gutera imbere. Aributsa ko hariho imico abantu baje kuba muri Austrariya bagumana itemewe n’amategeko aho hakabamwo amabi akorerwa mu ngo no mu miryango. Ayo mabi akagira ingaruka mbi ku muryango; bikonona n’ubuzima bw’abana.

Rencontre avec Patrick Rucahobatinya, Président de la communauté burundaise de NSW.
-Patrick Rucahobatinya, arayaga na radiyo SBS mu gifaransa aho ashikiriza ibikorwa vya kominoti iba muri Sydney, mu ntara ya New South Wales.

All Australians are equal before the law but not everybody can afford to pay for the legal services required to obtain justice. In order to close this gap, there are eight legal aid commissions in Australia, one in each state and territory. A feature presented by Mireille Kayeye
-Abanya austrariya bose barangana imbere y’amategeko ariko s’abantu bose bashoboye kuronka uburyo bwo kuriha uwubafasha gutegera ibijanye n’ubutungane.
Mu kiganiro c'uno musi turaba ico umuntu ashobora gukora mu gihe akeneye uwumufasha mu gutegera ibijanye n’ ubutungane muri Austrariya.

The Burundian Community celebrated the 56th Independence Day at Cabramatta Community Hall in Sydney, New South Wales.
-Abarundi barahimbaje ibirori vyo kwibuka imyaka 56 bikukiye mu gisagara ca Sydney mu ntara ya New South Wales.

The Australian government offers different types of loans to assist university students with their fees.
-
Hari ubwoko butandukanye bw'ingurane ushobora gusaba kugira urihe amashure ya kaminuza muri Austrariya.
Mu kiganiro c’uno musi turaba uburyo butandukanye bwo gusaba ingurane kubifuza kubandanya amashure yisumbuye.
Ariane Uwimana afise imyaka 23, akaba asanzwe yiga kuri kaminuza ya Curtin; aratuyagira ibisabwa kugira uronke ingurane ya HECS-HELP igufasha kwiga muri kaminuza hanyuma ukazoyiriha waratanguye gukora.

How to get a loan when you’re new to Australia.
-Ibintu bisabwa kugira ushobore gusaba ingurane muri Austrariya.

Indigenous Australians are people of Aboriginal and Torres Strait Islander descent and together they form three per cent of the national population. They are Australia’s First People, and yet most of us say we know very little about them.
-Indwi yitiriwe NAIDOC (8-15 Mukakaro) n’indwi yahariwe abasangwabutaka aribo bantu ba mbere bo muri Austrariya.

July 1st 2018 is the 56th celebration of Burundi Independence.
-
Itariki 1 Mukakaro ni umusi Abarundi bahimbaza umusi udasanzwe w’ukwikukira. Abarundi baba mu ntara ya Victoria mu gisagara ca Melbourne hamwe nababa muri Shepparton na Wagga Wagga muri Austrariya bakaba baroye hamwe aho bahimbariza ibirori vy’ukwikukira kw’abarundi ahitwa Multicultural hub.
Mu kiganiro c’uno musi muza kuhumvira akanyamuneza kabashitse murico kibanza hamwe namajambo nyamukuru yahashikirijwe ahamagarira Abarundi kubabariranira no gukomeza urukundo muri kominoti n’ukwibuka gusiga iragi rizokwama ryibukwa muri Austrariya no mu Burundi.

Migrants communities and non-English speakers are far less likely to access mental health services than those who were born in Australia. If you feel like you could have mental health issues and need support, there are many ways to get professional help.]
-Abantu batavukiye muri Austrariya bashobora kutamenya ingene bofashwa mu gihe bagize ingwara zo mu mutwe gusumba abantu bavukiye muri Austrariya. Mu kiganiro c'uno musi tuyaga ingene bashobora kugufasha mu gihe wahahamutse, canke urwaye ibonge.

Fablice Manirakiza reflects on his journey as a refugee coming from a Tanzanian refugee camp and starting a new life in Melbourne, Australia.
From being an orphan at a young age and kidnapped to be a child soldier to winning a 2016 Victoria Young Achiever Award.
-
Fablice Manirakiza, aratubwira ubuzima yaciyemwo kuva abaye mw’ikambi y'impunzi muri Tanzaniya gushika aze kuba mu gisagara ca Melbourne muri Austrariya. Kubera ibikorwa vyiwe vyo kuyagira urwaruka ubuzima yaciyemwo mu mashure, ari muri bake baronse agashimwe mu 2016 nk'umu nya Victoria amaze gukora ibikorwa bihambaye mu rwaruka.
Mu kiganiro c’uno musi, Fablice aratubwira ubuzima yaciyemwo kuva abaye impfuvyi, akoreshejwe n’abitwaje ibigwanisho gushika umusi amenya ko azoja kuba muri Austrariya n’ubuzima abayemwo muri kino gihe.
Arongera akatwibutsa ko iyo umuntu yaciye mu makuba, bimukomeza gusumba hanyuma bigatanga inguvu mu kwiyumvira gutegura kazoza no guteza imbere igihugu cakuvyaye.

Sunday the 17th to Saturday the 23rd of June is Refugee Week in Australia.
This week, we look at the stories of those who have settled in Australia.
Ezechiel Ntirenganya, a Burundian who works with AMES Australia, an organisation that provides settlement services to newly arrived refugees and humanitarian entrants since 2005 talks about the importance of this week for Burundian refugees.
-Guhera itariki 17 guhika ku wa gatandu itariki 23 Ruheshi n'indwi yahariwe impunzi muri Austrariya.
Mu gihe abarundi benshi baba muri Austrariya baje biciye mu buryo bwo gufasha impunzi, muri ino ndwi tugerageza gutahura ubuzima bw' impunzi muri Austrariya.
Mu kiganiro c'uno musi Ezechiel Ntirenganya asanzwe akora mw'ishirahamwe rifasha kwakira abantu bashasha ariryo AMES aradusigurira uburyo butadukanye abarundi n'abandi basanzwe bava mu mihingo itandukanye bashitse ngaha, ingene bafashwa n'ibigo bitandukanye gushika batangure kwiyumvira imigambi ibateza imbere.

Emma Martine Ndenzako, 32, a Burundian who works with the ANZ Bank in Sydney shares some tips that can help boost your job search in Australia.
-Emma Martine Ndenzako, 32, akora muri serivisi y’ubutunzi muri banki ya ANZ i Sydney, aratubwira bimwe mu bishobora gufasha urwaruka rw’abarundi biphuza kurondera akazi muri Austrariya.

Before you start working in Australia, you need to get a Tax File Number.
-Umuntu akiri mushasha muri Austrariya hariho ibintu ategerezwa kwihutira kurondera mu gihe yiphuza gukora canke kuriha ikori.
Inomero igufasha kuriha ikori, ni inomero ikuranga ikongera igashira hamwe umushahara uhembwa, amahera reta ikubikira hamwe n’amahera y’ikori.

« La petite communauté Burundaise d’Australie, de Melbourne en particulier, a explosé de joie lorsqu’elle a appris qu’elle allait enfin pouvoir s’informer dans sa langue maternelle. »
-« La petite communauté Burundaise d’Australie, de Melbourne en particulier, a explosé de joie lorsqu’elle a appris qu’elle allait enfin pouvoir s’informer dans sa langue maternelle. »

A guide to help you do your tax return in Australia.
-Muri kino kiganiro urahumvira ivyogufasha gusaba insubizo kw'ikori uba waratanze muri Austrariya.

While securing employment is an integral part of the settlement process for new migrants arriving in Australia, getting a job interview often requires a more targeted approach.
-Mu gihe kurondera akazi ari ikintu nkenerwa ku muntu wese aba muri Austrariya, kuronka umubonano wo gusaba akazi bisaba gukoresha uburyo butandukanye.

Members of the Australian Burundian Community in Victoria Inc. (ABCV) welcome the new SBS Kirundi service and stress the importance of having a platform to promote 'Kirundi' language while informing Burundians.
-Abarundi bari mw'ishirahamwe Australian Burundian Community in Victoria (ABCV) rihurikiyemwo abarundi baba mu ntara ya Victoria baragaragaza umunezero ku biganiro bishasha vya SBS mu Kirundi. Bizeye ko ivyo biganiro bizogira akamaro mu kumenyekananisha ururimi rw'ikirundi n'amakuru hagati y'abarundi.

Welcome to the new SBS podcasts in Kirundi language.
The SBS Radio Kirundi service will be produced by Mireille Kayeye.
All content will be available digitally via on demand audio podcasts accessible via sbs.com.au/kirundi and the SBS Radio app. Feel at home wherever you are, download the free SBS Radio App available now at the iTunes App Store and Google Play.
-
Kaze mu biganiro bishasha vya SBS mu Kirundi.
Ibiganiro mu Kirundi bizobashikirizwa na Mireille Kayeye biciye mu buryo bw'ama podcasts.
Ibiganiro vyose bizoca ku murongo ngurukanabumenyi wa sbs.com.au/kirundi no muri porogaramu ya SBS Radiyo iri muri terefone ngendanwa.
Umviriza ibiganiro vyose umwanya ushakiye kuri radiyo SBS. Turondere kuri iTunes App Store canke Google Play.

More than one-fifth (21 per cent) of Australians spoke a language other than English at home. So it's important to know that you can access free interpreting and translating services in Australia
-
Ibice mirongo ibiri na rimwe kw'ijana (21%) vy'abanya Austrariya, bavuga urundi rurimi atari icongereza iyo bari i muhira. Birakenewe cane kumenya yuko ushobora kuronka umusemuzi ku buntu biciye mu ma serivisi atangwa mu gihugu.
Mu kiganiro c'uno musi tuyaga na Beltrand Habiyakare, umurundi asanzwe ari n'umusemuzi muri Austrariya. Aratuyagira akamaro ko kurondera umusemuzi mu bisata bitandukanye nko kwa muganga, muri sentare canke mu mashure.

It's important for migrants, just like any other Australian, to learn what rights they have as a worker in Australia and how to report exploitation.
In this podcast, the Fair Work Ombudsman provides information and advice about workplace rules in Australia.
-Birakenewe kumenya ko abakozi baje ba mu bindi bihugu bose bafise amategeko amwe nk'umwenegihugu wese w'umunya Austrariya.
Muri kino kiganiro, ombusumani araba ibijanye n’amategeko aranga abakozi aratanga insiguro y’ibijanye n’amategeko yok u buzi butandukanye muri Austrariya.
